Sengera Igihugu

KUKI TWOSENGERA IGIHUGU

 

1.Umurongo nyamukuru : 2 Ngoma7 :14 «Maze abantu banje bitirirwa izina ryanje ni bicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, nuko nanje nzokumva ndi mw’ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’igihugu cabo».

Imigwi imwe y’ abakristo ntibemera uno murongo bavuga ko uraba ubwoko bwa Israyeli kandi ko kubw’ivyo ayandi mahanga bitayaraba.

Kugirango dutahure inshingano z’ ibihugu mu gusenga, reka turabe ibivugwa muri Yesaya 56 :6-7. «Kandi n’abanyamahanga bifatanya nanje Uhoraho kugirango bankorere,, bakunde izina ryanje…. Abo na bo nzobashikana ku musozi wanje wera, mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo …kukw’ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo n’amahanga yose».

Baratubarira abanyamahanga bazokwifatanya n’ Uhoraho ngo bamukorere kandi Uhoraho azobanezereza mu ngoro yiwe yo gusengeramwo n’ amahanga yose atari Isirayeli yonyene. Mw’ Isezerano Risha,Yesu yibukije ubu buvugishwa, ati “Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose” (Mariko11:17). Uno musi ni amashengero make afata umwanya wo gusengera igihugu kenshi usanga hari vyose kiretse gusenga, ni ukuvuga indirimbo, ubutumwa, gutanga amashikanwa….. ariko bibagira amasengesho arico gikorwa nyamukuru.

Tugaruke mu 2 Ngoma 7:14, igihe Uhoraho abona ihanga,ni Ishengero muri iryo hanga afata nk’ubwoko bwiwe. Kandi abo bantu ni bicisha bugufi ,bagasenga, baka rondera mu nyonga z’Uhoraho,bagahinduka bakareka ingeso zabo mbi, isezerano rivuga ko azobumva ari mw’ijuru kandi azokiza igihugu cabo.

2. Igitabu ca Daniyeli

 

A. Umwami Dariyo

Iki cigwa kiraba cane cane amasengesho ya Daniyeli. Igice ca 9 kivuga isengesho rya Daniyeli ku ngoma y’ umwami Dariyo wari Umumede Daniyeli yamenyeye mu bitabo kw’ igihe co kubohorwa c’ ubwoko bwa Isirayeli mu bunyagano cari gishitse. Hategerezwa guca imyaka mirongwindwi Yerusalemu ari umusaka kandi Daniyeli amenya yuko ashitse neza mu gihe c’ukubohorwa k’ubwoko bwiwe.

Nipfuza ko turabira hamwe ingene Daniyeli yavyakiriye n’ingene yavyifashemwo akimara kubimenya :

Intambuko ya mbere y’amasengesho

 

Mbere ya vyose, tubwirizwa kumenya amasezerano y’Imana. Vyose vyatanguye igihe Daniyeli yabonye mu bitabo kw’igihe gishitse.

Ku murongo wa 3 (Daniyeli 9 : 3), havuga yuko Daniyeli yahindukirije amaso k’Umwami Imana, kugira ngo yiyegurire gusenga no gutakamba, yisonzesha, yambaye amagunira, yisize umunyota.

Ikibazo canje ni iki : «Kuki yatakamvye, akisonzesha kandi akambara amagunira kandi Imana yari yavuze ko igihe co kurekurwa cashitse cane cane ko igihe Imana ivuze ikintu igishitsa ?» Tubwirizwa gukura icigwa kuri Daniyeli kuko naho yari azi kw’Imana yari yavuze, vyari ngombwa kw’asenga kugira ngo isezerano rishike. Yari azi uguhambara kw’isezerano kandi ku bw’ivyo yabwirizwa gusenga mu buryo budasanzwe ari na co gituma yatakamvye mu kwisonzesha no kwambara amagunira.

Intambuko ya kabiri y’amasengesho

 

Amaze gutahura neza isezerano ry’Imana, Daniyeli yafashe intambuko ikurikira y’amasengesho yiwe (Daniyeli 9 : 4) : Aho kuvuga ikibazo ciwe, yatanguye ahimbaza Uhoraho yatura ingene ari nkuru kandi y’igitinyiro kandi avuga ko yama ishitsa isezerano kandi ikagirira imbabazi abayikunda. Icigwa twokura muri iri sengesho, ni uko iyo utanguye gusenga, ntugomba kwegera intebe y’Imana n’ugucurintimba n’amarira ahubwo ubwirizwa kuyegera uyihimbaza uvuga ubukuru bwayo. Iyo twatura ubukuru bw’Imana, twerekana ukwizera kwacu mu bushobozi bwayo bwo gukora. Daniyeli yinjiye mu masengesho avuga Imana gusa atari ubwoko bwiwe. Ikibabaje ni uko abakristo benshi batangura gusenga bivuga gusa aho kuvuga Imana. Tutabizi tuba turiko turihimbaza aho guhimbaza Uhoraho.

Mu «kwihimbaza» ndashaka kuvuga «kwivuga» tugerageza kwisigura imbere y’Imana ku bijanye n’ibikorwa dukora canke ivyo twakoze bishimwa ahubwo tubwirizwa kwiyumvira nka Paulo yavuze kw’atari we ariho yamara ni Kristo ariho muri we (Ab’i Galatiya 2 :20). Imana iri hagati y’amashimwe y’abana bayo (Zaburi 22 :3) isengesho ryose ribwirizwa gutangura mu gutazira no guhimbaza naho twoba turemerewe cane.

Mu gihe Daniyeli yari akiriko arasenga, umumalayika Gabuliyeli aza kuri we (Daniyeli 9 :20-21) no ku murongo wa 23 (Daniyeli 9 :23) amubarira ko ijambo ryasohotse agitangura gusenga.

Intambuko ya gatatu y’amasengesho

 

Amaze umwanya utari muto mu gutazira, Daniyeli yaje kuvuga ubwoko bwiwe ariko atari uguhayagiza ibikorwa vyabo, ahubwo ari ukwatura ivyaha vyabo imbere y’Imana (Daniyeli 9 :5-16). Avuga urutonde rurerure rw’ibintu biteye ubwoba ubwoko bwiwe bwakoze nk’ubugarariji, ibicumuro, ukwanka kumviriza abavugishwa … ariko igitangaje ni uko Daniyeli atavuga ati : «ubwoko bwanje bwakoze ibi na biriya» ahubwo aravuga atit : «twakoze ibi na biriya». Mu gusoma ubuzima bwa Daniyeli, ijambo ryerekana neza cane ko Daniyeli yari umugabo w’inyankamugayo yatinya Uhoraho ariko arasenga ngo ubwoko bwiwe buharirwe ivyaha, yishize mu gishingo c’ubwoko bwiwe nk’umuherezi. Abatazi Imana baradukeneye twebwe (Ishengero) ngo tubavugire. Ku musi w’urubanza ntituzobazwa ivyaha vy’abandi ariko uno musi (ubigomba utabigomba) twisanga imbere y’ingaruka z’ivyaha vy’abatazi Imana. Ni co gituma tubwirizwa kwatura no gusaba ikigongwe Imana ku bw’ivyaha vyose bikorerwa mu gihugu cacu. Rero ni inshingano y’Ishengero mu gihugu.

Intambuko ya kane y’amasengesho

 

Tumaze kumenya isezerano ry’Imana no kumara umwanya twinginga Uhoraho ngo aharire ubwoko bwayo, Daniyeli, yabandanije ku ntambuko ikurikira, ari yo gutakambira Uhoraho ngo anagure Yerusalemu (Daniyeli 9 :17-19) ni ukuvuga ukubohora ubwoko bwayo. Mu masengesho menshi asengerwa ibihugu, Ishengero rimenyereye gutangurira ku ntambuko ya kane kandi ari yo yobaye iyanyuma.

Mu ncamake, mu masengesho yose, tubwirizwa kubanza kumenya amasezerano y’Imana, kuyegera tuyitazira, guca bugufi twatura ivyaha vy’ubwoko bw’Imana ngo baharirwe no gutakamba ngo babohorwe.

B. Umwami Kuro

 

Isengesho rya Daniyeli ry’igice ca 9 ritandukanye n’iryo mu gice ca 10. Mu gice ca 9, Daniyeli yari ku ngoma ya Dariyo Umumede kandi asengera ukunagurwa kwa Yerusalemu naho mu gice ca 10 yari ku ngoma ya Kuro umwami w’Ubuperesi, asengera ivyago vyinshi bivugwa muri (Daniyeli 10 :1).

Tubwirizwa kumenya ko Igihe Imana idusezeranije ikintu, hama hari indwano ivuye ku mwansi ari we murwanizi. Indwano ikomera uko igihe co gutabarwa cegereje. Igihe umurwanizi yamenya ko igihe co kuvuka c’umutabazi w’ubwoko bw’Imana cari gishitse, yakoresheje Farawo ngo yice abana b’abahungu b’abaheburayo. Ivyo vyabaye kandi igihe umurwanizi yamenya ko ivuka rya Mesiya Umucunguzi w’isi (Yesu) ryashitse. Ibi bivuga ko tutabwirizwa kuryoherwa n’amasezerano y’Imana gusa ahubwo ko tubwiriza kugira amasengesho ngo ayo masezerano ashike cane cane ngo duhangane n’isi y’umwiza yoyitambika imbere. Si ukurindira gusa ahubwo ni ukurindira mu gusenga.

Tubwirizwa kumenya ko intambara yacu ari yo mu mpwemu atari iyo mu mubiri kandi ko intsinzi ya mbere ari iyo mu mpwemu mbere yuko iboneka mw’isi iboneka.

Bibiriya iravuga mu Abanyefeso 6 :12 ko tutarwana n’umubiri n’amaraso ahubwo turwana n’ububasha, abami b’isi y’umwiza n’impwemu mbi z’ahantu ho mu kirere. Ikibazo ni uko kenshi abakristo barwana n’abantu (bo mu mubiri) kandi twabwirizwa kurwanira mu mpwemu. Mu gihe yandikira Abakolosayi, Paulo avuga ko Epafra abarwanira mu masengesho (Abakosayi 4 :12). Ishengero ribwirizwa kumenya ko ritegerezwa kurwana mu masengesho kugira ngo amasezerano y’Imana ashike.

Tugaruke gato ku masengesho ya Daniyeli mu gice ca 10 ; ahejeje kuronka ubwenge bw’iyerekwa, yamaze amayinga atatu yisonzesheje kandi asengera ubwoko bwiwe (Daniyeli 10 :2-3).

Nkuko bisanzwe, Malayika Gaburiyeli yamubonekeye ngo amuhe ubutumwa bw’Uhoraho ariko iki gihe ho hari icahindutse : Malayika Gaburiyeli ntiyashoboye kumushikiriza ubutumwa nka mbere kuko intambara (zo mu mpwemu) zari zikomeye kuburyo Malayika Mikayeli ariwe yamutabaye.

Nakozweho cane kandi ntangazwa n’amajambo ya Malayika Gaburiyeli igihe yabwira Daniyeli ko kuva ku musi wa mbere aho yashize ku mutima gutahura no kwicisha bugufi imbere y’Imana yiwe amajambo yiwe yarumviswe kandi amajambo yiwe nyene ni yo yazanye umumarayika Gaburiyeri (Daniyeli 10 :12). Kenshi twibaza ko bifata Imana igihe imbere yuko yishura amasengesho ariko tumaze kubona kw’ari uguhera umusi wa mbere w’amasengesho.

Ikibazo cama ari kimwe : Namba Imana yarishuye guhera umusi wa mbere, kuki yabwirizwa kurindira kandi imisi 21 ? Insiguro y’uko gucerwa kuri ku murongo wa 13 (Daniyelil 10 :13) aho umumarayika Gaburiyeri avuga yuko segaba w’ubwami bw’Ubuperesi (Kuro) yamaze imisi 21 amurwanya ariko umumarayika Mikayili, umwe mu bagabisha bahambaye aza kumutabara. Atari ivyo, Gaburiyeli ntiyari gushobora kuzana ubutumwa bw’Imana atabifashijwe na Mikayeli. Bivuga ko Mikayeli akomeye mu mpwemu kurusha Gaburiyeri. Mwibuke mu gice ca 9 Gaburiyeli ntiyagize ikibazo co gutanga ubutumwa bw’Imana ariko mu gice ca 10 vyarakomeye iyo hataba ugutabara kwa Mikayeli. Ntiyavuze ko Mikayeli yari umugabisha ahambaye wenyene, bisobanura ko hari abandi bamarayika bakomeye nka we ku bw’ineza y’Ishengero. Ni abamarayika nk’abo barwanya impwemu mbi n’abaganza batubarira mu Abanyefeso 6 :12.

Ugutabara k’umumarayika Mikayeli ntikwari gushoboka iyo Daniyeli atihangana mu masengesho. Abakristo benshi batangura neza mu masengesho ariko bagacika intege bakiri mu rugendo bakabivamwo kandi ari ukwihanga bituma umumarayika Mikayeli atabara. Hari imigisha itazodushikako hatabaye ugutabara k’umumarayika Mikayeli ariko ivyo vyose bizova ku masengesho.

Umumarayika Gaburiyeli yavuze neza ko ari segaba w’ubwami bw’Ubuperesi yamurwanije imisi 21. Ikibazo canje ni iki : Mbega indwano yavuye k’umwami Kuro? Kuko yari umwami w’Ubuperesi !

Nibaza ko inyishu ari OYA kuko Kuro ntiyari kurwanya umumarayika kuko yari umuntu yambaye umubiri nka twe. Umugabisha w’ubwami bw’Ubuperesi umumarayika Gaburiyeli avuga yari impwemu (umudayimoni) akomeye ahantu ho mw’ijuru. Bisobanura ko igihugu cose gifise segaba mw’isi y’impwemu kandi kugira ngo ubugombe bw’Imana buhakorerwe, segaba agomba kubanza kuneshwa. Ni ko vyagendekeye Daniyeli yamurwanije mu masengesho ari naho Mikayeli yatabaye atari aho Gaburiyeli ntiyari gushika.

Burundi kimwe na Leta Zunze Ubumwe bwa Amerika canke n’ikindi gihugu ico ari co cose gifise segaba wo mu mwemu arwanya ishitswa ry’umugambi w’Imana ku bwoko bwayo kandi ni Ishengero ribwirizwa guhaguruka ngo rirwane mu masengesho ritera impwemu mbi (abadayimoni) atari abantu.

3. Gusengera abaganza

 

Mbere yo kuvuga gusengera abaganza, tubanze turabe ico Bibiriya ivuga ku baganza mu gihugu. Paulo yandikira Abaroma abamenyesha ko bategerezwa kwubaha ababaganza kuko nta kuganza kutava ku Mana kandi abaganza bose bashizweho n’Imana (Abaroma 13 :1). Igihushanije, ni uko muri ico gihe Roma yari iganjwe na Neron afatwa nk’uwahama Ishengero cane muri ico gihe. Ngerageje kwishira mu gishingo c’Abaroma, vyari kungora cane gusengera umuntu adahama gusa abanyagihugu ahubwo ahama n’Ishengero. Ikibi kirushirije, aravuga ku murongo wa 4 (Abaroma 13 :4) ko umucamanza canke umurongozi ari umukozi w’Imana ku bw’ineza yacu.

Kuki avuga umukozi w’Imana kandi yari azi ibikorwa vya Neron ? Inyishu iri muri 1 Timoteyo 2 : 1-3 : Paulo yandikira Timoteyo amusaba gusengera bose no gusengera abami (abaperezida) n’abashizwe hejuru mu cubahiro kugira ngo tube amahoro mu kwubaha Imana n’ukunyakuri.

Nitutasengera abaperezida, abarongozi, abakenguzamateka …Umurwanizi azobakoresha ngo akore ubugombe bwiwe kw’isi cane cane ko Yesu yamuvuze nk’umwami (canke uganza) isi (Jean 14 :30). Dutegerezwa rero kubasengera kugira ngo Imana ibakoreshe ishitsa ubugombe bwayo biciye muri bo. Ntidukwiye kubasengera kuko ari inyankamugayo canke bagororotse, ahubwo kuko bari mu kibanza gikomeye imbere y’Imana.

Ijambo ry’Imana rivuga ko ari Yo ikuranya imyanya n’ibihe, ikura abami (abaperezida) ikimika abandi (Daniel 2 :21) ari co gituma tubwirizwa kwemera abaganza tutitaye ku bikorwa vyabo bibi kuko nitwabasengera, Bibiliya ivuga ko ivyo ari vyiza kandi vyemerwa mu nyonga z’Imana Umukiza wacu (1 Timoteyo 2 :3).

Nari umwe mu bavuga nabi abaganza ibihugu vyabo ariko narihanye kuva aho mpishuriwe ivyo. Iyo tuvuga nabi abarongozi bacu, turabavuma kuko ururimi rwacu rurashobora guhezagira canke kuvuma (Yakobo 3 :9) kandi mu kubavuma tuba tunavuma abo baganza.

Umusi umwe Paulo yatutse umuherezi mukuru atazi ico ari co hanyuma abagenzi biwe bamubaza ingene yubahutse gukora ikintu nk’ico ! Inyishu ya Paulo yarantangaje kuko yagize ati : «Sinari ndamuzi, bene Data kw’ari umuherezi mukuru ; kuko handitswe ngo ntukavuge nabi umukuru wo mu bwoko bwanyu» (Ivyakozwe n’Intumwa 23 :5).

Tubwirizwa kubasengera kugira ngo Imana ibarongore mu gufata ingingo nziza kuko tutabikoze, bazorongorwa n’izindi mpwemu (umurwanizi). Nk’amategeko yemerera abantu kubana bahuje ibitsina no gukorora inda bizoza imbere mu bihugu bimwe, mu bindi bihugu habe ibiturire n’ubwicanyi n’ibindi. Amategeko amwe azofatwa yishimikije demokarasi yahavuye icika ikirwanishwa c’umurwanizi akunze gukoresha kugira ngo azimize Ijambo ry’Imana.

4. Ibirwanishwa vy’abakristo

 

Reka mpereze kuri uno murongo wo muri Bibiliya warukwiye kunyiganyiza Ishengero rya Yesu Kristo. Nimwasoma uno murongo muri Amerika, Aziya, Afrika, Iburayi ….mumenye ko Ijambo ry’Imana ridusaba gusengera cane igihugu cacu n’abatuganza. Uwo murongo ugira uti : «Naho turi n’umubiri ntiturwana mu buryo bw’umubiri, kukw’ibirwanishwa vy’intambara yacu atari ivyo mu buryo bw’umubiri, arikw’imbere y’Imana bifise ubushobozi bwo gushingura akarimbi, dushingura impari n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpriri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomorere Kristo» (2 Ab’i Korinto 10 :3-5).

Mpwemu w’Imana adufashe twese gutahura buno butumwa.

Ubwiza n’icubahiro ni ivy’Imana yonyene

Chris Ndikumana

Cette adresse e-mail est protégée contre les robots spammeurs. Vous devez activer le JavaScript pour la visualiser.