Inyigisho Guigoz 13-24

GUIGOZ 13

C :Bwakeye Mike, hareheze indwi nyinshi ndakurondera kuko nahezagiwe n’inyigisho wampaye muri Guigoz ya 1 gushika iya12 kandi nararonse umwanya ukwiye wo gusoma Bibiliya ntekanye hamwe no gushira mu ngiro ivyo wanyigishije vyose ariko hamwe n’ivyo, nasanze nkifise ikibazo kandi vy’ukuri nkeneye kumarana umwanya nawe kugirango ntahure neza niwaba ubinyemereye.

M :Corinne urazi yuko nama niteguye ariko cane cane iyo hageze gukorera Umwami kandi ndanezerewe kwumva intambuko umaze kugerako. Rero ndaguteze yompi.

C :Ndazi kw’Imana ivugana n’abana bayo kenshi ariko ikabazo canje ni ukumenya ingene no tahura ijwi ry’Imana kuko niyumvira yuko wemeranya nanje ko twakira amajwi menshi atandukanye bigatuma bigorana gutahura iriva ku Mana.

M : Ego cane,uri mu kuri kuko abakozi b’Imana benshi bagira ingorane zo gutahura ijwi ry’Imana kandi ndakubwiye ukuri k’umurwanizi aharonkeraho akaryo kenshi na kenshi kudushira kure y’ubugombe bw’Imana.

C : Ushaka kuvuga k’umurwanizi ashobora kubwira ikintu umwana w’Imana canke kumuhumekera.

M : Umurwanizi ntashobora gusoma mu vyiyumviro vyawe ariko ivyo ashoboye gukora gusa, ni gucanira ivyiyumviro vyawe. Ica mbere na mbere ni ngombwa k’umenya yukw’igihe wumvise ijwi mu buryo bumwe canke ubundi...

C : Sindaguciriyemwo arikw’igihe uvuga ijwi, uba uriko uvuga kw’ijwi umuntu yumvira mu gutwi kwiwe?

M : Ijwi rishobora kwumvikana mu gutwi canke ukumva icipfuzo co gukora ikintu runaka, nkah’umenga n’umuntu ukubwira ngo: ehe kura iki canke kirya.

C : Mbega Imana ikora mu buhe buryo?

M : Bibiliya iravuga mu gitabo ca Yobu 33:14 yukw’Imana, har’ah’ivuga mu buryo bumwe, har’ah’ivuga mu bundi, n’ah’umuntu atobibabara. Igihe ufashe umwanya ukwiye wokuguma mu kubaho kw’Imana, uzoshobora kumenya neza ijwi ryayo kuko inzira nziza yokubishikira ni ukuguma hafi y’Imana.

C : Ivyo bisobanura iki?

M : Kumara umwanya ukwiye mu masengesho no guhwekera kw’ijambo ryayo.

C : Nankana ngw’Imana ivugira mu nzozi igihe dusinziriye?
M : Kubera k’utarugara Bibiliya yawe, urashobora gusoma umurongo ukurikira, ni Yobu 33:15 handitswe ngo: " Mu nzozi, mw’iravuta ryo mw’ijoro,igihe itiro ryinshi ritwaye abantu, bisinziriye ku mariri yabo, niho izibura amatwi y’abantu, ikabateza ubwoba ivyo ibabwira...“

C : Mbega ku bwawe, kubera iki Imana ivugana natwe kenshi mw’ijoro igihe itiro ryinshi ridutwaye?

M : Niyumvira kw’igihe dukanura, tuzibira Mpwemu Yera kubera gukoresha ubwenge bwacu cane.

C : Ahaaa!!! Bisigura kw’Imana ivugana natwe biciye kuri Mpwemu Yera?

M : Ego cane! Bibiliya ivuga mu Baroma 8:16 ko Mpwemu ubwiwe abwiririkanya n’impwemu yacu.bisobanura kw’avugana n’impwemu yacu. Kubera kw’Imana ari Mpwemu imvugo yayo nayo n’iya Mpwemu kandi ntivugana natwe biciye kuri Mpwemu Yera gusa, ni we nyene adufasha gutahura imvugo yayo.

C : Nkaba nakwumvise neza, Imana ivugana natwe mu buryo bwa Mpwemu gusa?

M : Oya! Wantahuye nabi.... imvugo y’Imana isobanurwa muri Mpwemu ariko nkuko twabibonye muri Yobu 33:14, har’ah’ivuga mu buryo bumwe, har’ah’ivuga mu bundi, nah’umuntu atobibabara.

C : Rero muri make, amajwi aducanira muri buri ngingo dufata akomoka hehe?

M : Ahantu hatatu : Mpwemu Yera, umurwanizi, hamwe na kameremere kacu

C : Kameremere?

M : Ego cane. Bibiliya idutegeka mu B’Igalatiya 5:16 ko tugendeshwa na Mpwemu niho tutazoshitsa ivy’akameremere kacu kipfuza.kandi haba inzozi, haba ingingo dufata mu migambi yacu, haba ibihe tugenderamwo canke ubutumwa twumva mw’ishengero, umuco tuwusanga mu Baroma 8:14 aho Bibiliya ivuga kw’abarongorwa na Mpwemu w’Imana nibo bana b’Imana. Reka tugume hafi ya Mpwemu Yera kugirango twirinde ukuzazanirwa kwose.

C :Urakoze kubw’iyo nsobanuro, ariko ndafise ikindi kibazo cerekeye “kuvuga mu ndimi nsha”  


 

     GUIGOZ 14


C  :  Bwakeye Mike! Uribuka igihe giheze aho twatandukana nakubwiye ko mfise ikibazo kuvyo kuvuga mu ndimi nsha. Har’igihe nibaza ko nakiriye Mpwemu Yera canke ko ntaramwakira kuko na bugingo n’ubu sindigera mvuga mu ndimi nsha kandi mu masezerano nasomye muri Mariko 16:17 harimwo kuvuga mu ndimi nsha. Ivyo jewe biranzazaniye

M   :  Bibiliya iravuga neza ku vyo kuvuga mu ndimi nsha kandi koko, ni kimwe mu masezerano Yesu yavuze. Ariko ngomba k’utahura yuk’utazoronka amasezerano yose Yesu yasezeranye nkuk’udashobora kugira ingabire zose za Mpwemu, ahandi ho nakubajije ikibazo Pawulo yabajije Ab’I korinto ngo: “Kandi iyo zose ziba urugingo rumwe, umubiri wobaye hehe?” 1Ab’I korinto12:19. Intumwa Pawulo arabandanya mur’ico gice nyene ku murongo wa 30 ah’abaza ikindi kibazo ati: “Bose bafise ingabire zo gukiza indwara? Bose bavuga izindi ndimi? Bose basobanura indimi?” 1Ab’Ikorinto 12:30. Dufatiye kur’ivy’uratahura ko Pawulo avuga yuko bose badashobora kugira vyose ariko ko tugize umubiri wa Kristo, umwe wese yunganira uwundi

C : Ugomba kuvuga ko hariho itegeko kuvyerekeye kuvuga mu ndimi nsha kandi ko bishobora kwubaka umubiri wa Kristo?

M : Ego cane!Uzosanga inyishu y’ikibazo cawe muri 1Ab’I korinto14

C : Rero ushigikiye abavuga ko bidakwiriye kuvuga mu ndimi nsha mu makoraniro kuko bavuga ko bizana imivurungano ku bandi?

M : Sindabashigikiye ariko nizera ico Bibiliya imbwira muri 1 Ab’I korinto14:23: “Nukw’ishengero ryose, iyo rikoraniye hamwe, bose bakavuga indimi zitamenyekana, hakinjiramw’abatungu cank’abatizera, ntibovuga yuko mwasaze?”

C : Twasaze???

M : Pawulo yashaka ubugira kandi gushimangira ku kumenya ko mu mubiri wa Kristo dutegerezwa gukora ivyubaka abandi hakwishigikira mu nyungu zacu gusa

C : None.... inyishu nziza ni gute kugirango bikunde ko abandi bubakwa no kuvuga mu ndimi zitamenyekana?

M : Inyishu iri muri 1Ab’I korinto14:13 : “ Nuk’uvuga ururimi rutamenyekana asenge, kugirangw’ahabwe kubisobanura.” hamwe n’umurongo wa 16 havuga ngo: “Iy’ushimye Imana, ushimishije impwemu yawe yonyene, mbeg’uri ku ruhande rw’abatungu ashobora kuvuga ati Amen, ni waheza gushima kandi atamenye ic’uvuze?”

C : Ninaba natahuye neza, har’igihe Imana ishobora kuvugana n’ihanga ryayo icishije mu ngabire yo kuvuga indimi zitamenyekana?”

M : Egome ariko hategerezwa kubaho umuntu afise ingabire yo gusobanura indimi canke igihe uwuvuga mu ndimi nyene ashoboye gusobanura ivyo ariko aravuga

C : Bitameze uko, uwo muntu ategerezwa guceceka?

M : Ego cane!Ariko ni igihe ari kumwe n’abandi gusa mugabo ashobora gusenga mu ndimi ari wenyene I muhira hamwe n’Imana yiwe

C : Ariko kenshi umengo abakristo benshi birabananira kwigumya igihe hageze ko bavuga mu ndimi bikamera nk’umuriro udashobora kuzima?

M : Bibiliya iravuga mur’ico gice nyene yuko “impwemu z’abavugishwa n’Imana ziganzwa na bo.” 1Ab’I korinto14:32. Impwemu ihumanye gusa niyo idashobora gutekana kandi niyo iturubika ibayifise

C : Ariko Mike, umusi wa Pentekote, igihe Mpwemu Yera yaza ku ntumwa, baravuze mu ndimi bose kandi abantu bari ngaho barabumvise?

M : Bibiliya ivuga mu Vyakozwe n’intumwa 2:8 yukw’abari ngaho batahura ico intumwa zavuga kandi babumva umwe wese mu rurimi rwiwe rw’amavukiro kandi bari abagalilaya. Imana yashatse ko bumva ico intumwa zavuga kugirango icubahiro kiyigarukeko

C : Imana iguhezagire ku nsobanuro umpaye ku vyerekeye kuvuga mu ndimi nsha, ariko har’aho bishika nkadendebukirwa mu masengesho yanje kubera ibihe ndimwo kandi mvugishije ukuri, birashika aho ntashobora gusenga na gato nico gituma nashaka kumfasha nkava aho hantu

M : Egome, tuzobivugana muri Guigoz ya 15


      GUIGOZ 15


C : Bwakeye Mike,

M : Bwakeye Corinne,

C : Nkuko nabikubwiye igihe gihise, birashika nkadendebukirwa mu mpwemu kugera n’aho ntashobora gusenga ariko rero natahuye yukw’ivyo bitumwa n’ibihe bibi mba ndimwo, ngomba kuvuga ibigeragezo usanga ntashobora kwihanganira

M : Imbere ya vyose nagomba ndakubwire yukw’ijambo ry’Imana rivuga muri 1Ab’I korinto10:13 yukw’ata catugerageje kitar’ic’umuntu yoshobora kwihanganira. Arikw’Imana ni yo kwizigira ntizodukundira ko tugeragezwa n’ibiruta ivyo dushobora...

C : Ariko n’ivyo bikunda gushika kenshi! Mbega har’insobanuro kur’ivyo?

M : Insobanuro nshobora kuguha yerekeye inyifato y’imitima yacu. Ibuka yukw’igihe dusenga, umutima wacu ufatana n’Impwemu y’Imana kandi iy’umutima wacu umerewe nabi uko gufatana guca kugora mbere kenshi ntikube kugishoboka

C : Ni kuki ushimikira ku nyifato y’umutima wacu? Mbega har’uburyo bwo kuwurinda kugirango tuzigame uko gufatana n’Imana? Nyereka igice ca Bibiliya cerekana ingene umutima wacu ari kirumara mu bugingo bwacu bwa Mpwemu?

M : Ugurura Bibiliya yawe maze usome mu Migani 4:23, handitswe ngo: “Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, kukw’arih’ubugingo bududubiriza.”

C : Ubugingo bududubiriza? Mbega bisigura k’umutima ushoboye gutanga ubugingo?

M : Ntutanga ubugingo gusa, ariko urafise n’ububasha bwo kugwiza imbuto yose wemereye kwinjira muri wo. Ni co gituma ijambo ry’Imana ritubwira kuwurinda kurusha ibindi vyose

C : Mike, sintahura ico ugomba kuvuga ku ‘bubasha bwo kugwiza imbuto yose igiye muri wo?’

M : Aho ngomba kuvuga ibigumbagumba wemereye ngo bikuganze. Bisigura ko wemeye kujanwa n’ishavu, urwanko, kurengerwa, guhagarika umutima... ivyo bintu vyose binyengetera mu mutima nk’imbuto kandi nkuko imbuto yose ikura mu busizi, ikagwira, ni ko bimera no mu mitima yacu. Igihe cose urubuto rw’ishavu, urwanko canke guhagarika umutima runyengetereye mu mutima wacu, nta kindi umutima wacu ugira atari kugwiza urwo rubuto rumwe rumwe nkuk’ubwoko bwazo buri. Wibuke ko muri ho ari ho hadudubiriza ubugingo
C : Rero muri make, dukwiye gusenga kugirango turonke inkomezi zo kuganza ibihe bitandukanye?

M : Oya Corinne! Ntibikabe. Igikorwa co kuganza ibihe cabikiwe Imana, kandi Imana yo  nyene gusa nkuko biri muri Daniyeli2:21, ariko Bibiliya idutegeka kuganza umubiri wacu canke kameremere kacu, ni kimwe mu vyamwa vya Mpwemu Yera, ukwirinda canke kugira urugero. Uzosoma ivyo vyamwa m’ Ab’I galatiya5:22

C :Igihe nshoboye kwizigama rero bisobanura ko har’inkomezi zidasanzwe muri jewe?

M : Ijambo ry’Imana rivuga yuk’uganza umutima wiwe aruta uwunesheje igisagara, kandi akaruta umunyenkomezi. Urashobora gusoma ico gice mu Migani16:32

C :Mbwira Mike, kand’umbwize ukuri, mbega birashika ah’unanirwa kwirinda kuger’ah’uhagarika umutima?
 
M : Ivyo bishikira zina kiremwa muntu yambaye umubiri ariko ikinezereza n’uko dufise ikirwanisho kidasanzwe, inkota ari yo jambo ry’Imana. Ndakurungitse mu b’I Filipi 4:6 aho ijambo ry’Imana ritubwira ngo: ‘Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwihangana bifatanije no gukenguruka’ hamwe na : ‘ Nshobozwa vyose n’uwumpa inkomezi’ nkuko biri mu b’I Filipi 4:13

C : Ndagushimiye cane kur’iyo nyigisho ariko nagomba gutahura izindi mvo zituma tudendebukirwa mu masengesho yacu

M : Egome ariko tuzobivugana muri Guigoz ya 16


 

      GUIGOZ 16


C : Bwakeye Mike, sinkishoboye kurindira kuva ca gihe wansezeranye kunyereka izindi mvo zituma tudendebukirwa kenshi mu masengesho yacu ndibaza ko ndazimenye noronka uburyo bwo kuzirinda koko. Ndabigusavye kukw’abantu bose tuvuganye ntakindi bambwira atari satani gusa, kandi mbona nk’aho duha satani inkomezi nyinshi bigaca bituma tumutinya tugatakaza ukwizigira Imana

M : Ndanezerejwe n’ivy’uhejeje kumbwira kuk’umbajije ikibazo utangiye inyishu wewe nyene

C : Iyihe???

M : Gutakaza ukwizigira Imana.

C : Ugomba kuvuga yukw’igihe twizigiye Imana, satani aca atakaza inkomezi ziwe ako kanya nyene? Banza umbwire ko satani afise izo nkomezi koko, none ni kuki Imana yazimuhaye?

M : Singomba kuvuga ido n’ido yavyo kuko dushobora guhusha intumbero yacu ariko muri make, ububasha bwari bwarahawe Adamu kandi satani yar’abizi neza cane nico gituma adamu amaze gucumura satani yaciye yigarurira inkomezi ziwe...

C : Ugomba kuvuga ko yivye ububasha bwari bwaragenewe Adamu? Ububasha bwo kuganza ibiri mw’isi vyose?

M : Ego cane

C : Tugaruke kukwizigira Imana, n’ikihe ciza kiri mu gushira ivyizigiro vyacu ku Mana....mbega har’ico bisa bisana n’ubuzima bwo gusenga?

M : Imbere yuko nishura ikibazo cawe, ngomba kowugurura Bibiliya yawe usome muri Yeremiya17:7-8

C : “Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe. Kukw’azoba nk’igiti gitewe I ruhande y’amazi, gishorera imizi yaco iruhande y’uruzi, kitumva izuba iyo ryatse, ariko kikamana itoto ntikizorinda kwiganyira mu mwaka w’uruzuba, kandi ntikizoharuruka kwama.”

M : Inyishu tuyisanga mur’uwo murongo: Amazi asobanura ijambo ry’Imana, imizi isobanura amasengesho.

C : Aaaahh!!! Kuba nk’igiti gitewe iruhande y’amazi bisobanura kuguma mu majambo y’Imana, imizi ikaba isobanura amasengesho, bica bisobanura kw’amasengesho ategerezwa gushorera mu ruzi arirwo jambo ry’Imana..... sindabitahura neza cane?

M : Ego bandanya war’uhageze... amasengesho agereranywa n’imizi iyo nayo itegerezwa gushorera mu ruzi arirwo jambo ry’Imana, bisobanura kw’amasengesho ategerezwa kwisunga ijambo ry’Imana, mu yandi majambo, amasengesho ategerezwa kugirwa mu mpwemu ntagirwe mu mubiri, ni vyo bisigura yukw’ategerezwa kwisunga ubugombe bw’Imana kandi ndibaza ko tumaze kuvugana kur’ivyo si vyo none?

C : Ego cane! Ndacibuka neza cane itandukaniro riri hagati y’isengesho ryo mu mubiri n’isengesho ryo mu mpwemu ariko ndacafise amatsiko kur’uwo murongo wo muri Yeremiya 17:8-9 kuko havugwa kw’ico giti kitumva izuba iyo ryatse, ariko kikamana itoto, ntikizorinda kwiganyira mu mwaka w’uruzuba, kandi ntikizoharuruka kwama. Biratangaje vyukuri! Igihe c’uruzuba n’ukwamana itoto bisobanura iki?

M : Biroroshe cane, igihe c’uruzuba gisobanura ubwoko bwose bw’ibigeragezo umuntu ashobora guca mwo, n’ay’icamwa gisobanura igikorwa cose umuntu akora kubw’icubahiro c’Umwami n’amasengesho arimwo kandi umukristo yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe, ntiyumva izuba iyo ryatse kandi ntazokwiganyira mu mwaka w’uruzuba. Igiti camana itoto bisobanura umukristo yashize ivyizigiro vyiwe mu Mana mu kuguma mu masengesho, nibwo buryo igiti kironkeramwo ubugingo.

C : None vyogenda gute igihe uruzuba rushitse ku mizi?

M : Ica inigirwa ntisubire guhema na rya toto rigahinduka umuhondo kandi mu minsi mike ca giti kiruhira kwuma no kuzimangana

C : Ninaba nakwumvise neza, igiti gitewe I ruhande y’amazi, imizi yac’iba irinzwe neza kandi ntinamenya ihindagurika ry’ibihe, yibandanyiriza gukora ukuri kwamye? Bifitaniye isano nivyo twariko turavugana mu gihe giheze vyerekeye ingene umutima utegerezwa kurindwa kuruta ibindi vyose?

M : Ubu rero ndabona ko wabitahuye vyose. Ikirengeye vyose nuko woshira ivyizigiro vyawe k’Uhoraho kandi ibihe duca mwo ntibikwiriye gutosekaza ubugingo bwo gusenga kuko tuvoma ubwoko bwose bw’imigisha iva ku Mana mu buryo bwo gusenga

C : Urakoze  Mike kandi Imana iguhezagire. Mbega ejo ndashobora kuzokubona? Ndafise ikindi kibazo

M :Ntangorane isango muri Guigoz ya 17


 

     GUIGOZ 17

C : Bwakeye Mike, urakoze cane kumpa akanya ko kuvugana. Hoba hariho idini risumba ayandi yose. Har’ico Bibiliya ibivuga ko ?

M : Bibiliya iravuga muri Yakobo1 :27 «  Idini itunganye itagira agasembwa imbere y’Imana Data wa twese n’ukuraba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’iyi si »

C : Kuber’iki abapfakazi n’impfuvyi? Kuber’iki bifise akamaro cane mu nyonga z ‘Imana ?

M : Inyishu iroroshe cane: kubera yukw’Imana yihishije mu bapfakazi, impfuvyi n’uwufise ico akenye wese

C : Urashobora kumbwira umuntu umwe gusa mur’iyi si adafise ico akenye?

M : Uko n’ukuri koko, abantu bose barafise ico bakenye ariko iyo mugenzi wawe akenye amafaranga yo kuriha amashure urashobora kuyamuha ariko haheze igihe akazoyagusubiza si vyo none?

C : Birumvikana cane

M : Ni vyiza. Imana rero yihishije mu bantu badashobora kugusubiza canke kukuriha iyo ufise ico wabahaye

C : Ugomba kuvuga yukw’igihe badashobora kunyishura, Imana izonyishura mu gishingo cabo ?

M : Neza cane

C : Ntunga unyereke aho ico gice kibivuga kiri muri Bibiliya

M : Uzosoma muri Luka14 :12-14 aho Yesu avuga yuko dutegerezwa gutumira abakene, ibimuga n’impfuvyi…. Kubera yuko badashobora kugusubiriza mu nkoko. Rero igihe cose ufashije umuntu adashobora kukwishura, utegerezwa kubikorana umunezero kuk’uba ubikoreye Umwami

C : Jeho namara igihe nibaza ico nokorera Umwami ? Nahora niyumvira ko gusenga, gusoma bibiliya, gutanga ikigira cumi n’amashikanwa bihagije ubwavyo kandi bihimbaza Imana. Yesu akaba yihishije koko mu mpfuvyi n’abapfakazi, bisobanura ko duhura nawe imisi yose ntitubimenye ?

M : Neza cane. Ni co gituma kumusi w’urubanza benshi bazobaza Umwami igihe bamubonye arwaye, anyotewe cank’ari ingezi… bazotangazwa n’ingene Umwami azobajinjibura kubera ko batamuserutseko
C : Ushaka kuvuga yuk’Umwami azotubaza ingene twamubonye mu bukene bunaka ntitwamuserukako ?

M : Egome ! tuzokwisigura imbere yiwe twese nkuko muri Matayo25 :40 handitswe ngo :
 « Umwami nawe azobishura , ati ndababwire ukuri : ko mwabigiriye umwe mur’abo bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye » Mu gihe muri Matayo25 :45 avuga ngo:“ Ko mutabigiriye umwe mur’aba bari hanyuma y’abandi, nanje ntimwabingiriye »

C : Ariko Mike, nibaza ko Yesu yariko avuga bene Data, niba zo yariko avuga abizera. None dutegerezwa gufasha abakizwa gusa kugira tuzoronke impera? Bibiliya ibivugako iki?

M :  Ego cane. Muri Abagalatiya 6:10 handitse ngo: “d”


C:  Ahann! Ndatahuye ko nkwiye gufasha abantu bose muri rusangi ariko cane cane abana b’Imana. Ariko jewe ndacari umunyeshule kandi nta mafaranga akwiye mfise yo kugarukira abo bantu, uravye ibinsaba amafaranga buri kwezi, jewe ndiyumvira kw’Imana intahura…. Kandi ikirengeye ni ukwizera mfise kuri Yo ?

M : Uvuga nk’ah’umenga Imana irakeneye amafaranga yawe kandi ugaca wibagira ko atari na rwawe kuko Bibiliya ivuga muri Hagayi2 :8 y’ukw’amafeza n’amazahabu aray’Uhoraho. Ico ngomba kuvuga n’ukw’Imana idakeneye amafaranga yacu, ariko ikeneye imitima yacu. Iragomba ko tugaragaza urukundo rwayo mu gufashanya n’abandi. Ni ko kamere k’Imana, rero igihe umbwira yukw’igikenewe ar’ukwizera ufise kuri Yo, ico no kubwira co ni uko ukwizera kutagira ibikorwa ataco kuba kumaze

C : Ukwizera kutagira ibikorwa ntaco kumaze gute ?Ariko Bibiliya iravuga mu
 Banyefeso2 :8-9 ko twakijijwe kubw’ukwizera ntivyavuye ku bikorwa, ngo hoye kugira uwirarira

M : Woba warigeze kubona ikiziga n’amaso yawe?

C : Ego narabonye umubiri wa mawe igihe yapfa

M : Mbega ubugingo bwiwe bwari bumeze gute ?

C : Ariko ….Mike, nakubwiye ko yaramaze gupfa nta bugingo bwari bukiri muri we

M : N’uko rero, Bibiliya itubwira muri Yakobo2 :26 ngo : « Nk’uk’umubiri utari mw’impwemu uba upfuye, ni k’ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye »

C : Numva bikomeye !!!! Mpa akanya ko kunoganza ivy’umbwiye maze tuzosubire ejo

M : Isango ni Guigoz ya 18


 

    GUIGOZ 18


C : Bwakeye Mike, narumvise yuko hariho amabango atanu mw’ishengero ariko na bugingo n’ubu sinshobora gutahura igikorwa ca buri bango kandi narabonye ko benshi mu bagenzi banje n’abo badashobora gutahura ic’umuntu wese ari mw’ishengero. Ngomba kotuvugana ido n’ido ya vyo

M : Urazi ayo mabango 5 ?

C : Egome, niyumvira yuko hariho, Abavugabutumwa, Abungure,Intumwa,Abigisha    n’Abavugishwa n’Imana. Arikw’ingorane n’uko ntibuka neza aho uyo murongo uri

M : Biri mu Banyefeso 4 :11, handitswe ngo : « kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bwiza, abandi kuba abungere n’Abigisha » ariko uno musi ndasavye ko tuvugana gusa kuvyerekeye abavuga butumwa n’abungere

C : Ego cane, numva ari vyiza! Ica nkenerwa ni uko ntahura ahar’itandukaniro kuko kenshi womenga Umwungure ni Umuvugabutumwa canke umuvugabutumwa ni Umwungere

M : Imbere ya vyose, ngomba k’utahura k’umwana w’Imana wese yahamagariwe kuvuga ubutumwa n’ukuvuga gushinga intahe kubw’icubahiro c’Imana no kuvuga ivya Yesu kugirangw’abakiri mu nzira y’amahonero baronke ubugingo budashira ari na yo ngabire duhabwa ku buntu. Kandi Pawulo yandikiye Abaroma ababaza ingene abapagani bazokwizera Yesu igihe batumvise inkuru ziwe kandi ko batazobwumva hatagize umuntu abubabwira. Urashobora kubisoma mu Baroma10:14

C : Bisigura ko twese twahamagariwe kubwiriza ivya Yesu?

M : Neza cane, arikw’ibango ryo kuvuga ubutumwa ni umuhamagaro udasanzwe wo kuzana imitima kuri Yesu mu bikorane binini binini n’ivugabutumwa hanze y’ishengero kugirango binjire mw’ishengero ari wo mubiri wa Kristo

C : Turashobora kugereranya umuvugabutumwa n’umurovyi agiye kuroba mu kiyaga?

M : Neza cane

C : Arikw’iy’imitima yihanye iri mw’ishengero, birasaba k’uwundi muntu ayitwararika?

M : Aho ni ho hari ibango ry’umwungere

C : Ibango ryo kuzigama imitima mw’ishengero?

M : Egome mu buryo bumwe. Bibiliya igereranya umwungere w’ishengero n’umwungere w’ubusho. Uwo na we ukaba usanzwe uzi kw’igikorwa ciwe ari ukuzigama no kwitwararika ubusho

C : Ni ukuvuga kw’ayo mabanga yuzuzanya?

M : Bitegerezwa, niko vyari bimeze kuri Pawulo na Apolo igihe yandika mu
 1 Ab’Ikorinto 3:6 “ Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw’Imana niyo yazikujije”

C : Jewe mbona umenga ibango ry’umwungere rirusha ayandi yose icubahiro kandi abakristo bakiri bato kenshi barota kuba abungere

M : Birashoboka kw’abantu bavyipfuza  igihe bavyitegereza bari kure ariko ku bwanje, ibango ry’umwungere ntiryoroshe na gato kuko nkuko Yesu yabivuze, kuba umwungure mwiza, ni ukwemera gutanga ubugingo bwawe kubw’intama nkuko vyanditswe muri Yohana10:11

C : Ugomba kuvuga kw’ategerezwa gutanga ubugingo bwiwe kubw’abakristu bo mw’ishengero arongoye mbere akanaheba inyungu ziwe kubw’inyungu ry’ihanga ry’Imana?

M : Si jewe ndabivuze, ariko ni Yesu yabivuze, kandi atagize nkuko, uwo mwungere agereranywa n’umuca ngero nkuko Yesu yabivuze muri Yohana10:12

C : Umucangero?

M : Egome, bisobanura yuk’ashira imbere inyungu ziwe kandi ugasanga ar’inyungu z’amafaranga. Hateye ingorane, umucangero arata intama agahunga

C : Agahunga aje hehe?

M : Ahamurwa neza ni ukuvuga mw’ishengero aronka mw’inyungu ziwe. Ivyo birakunda gushikira ubungere bahindagura amashengero barondera aharuta ahandi

C : Imana ibafashe kuko wotuma uba umupagani hakuba umucangero

M : Ndemeranya nawe Corinne

C : Urakoze cane Mike. Wambwiye ko tuvugana ku mabango abiri uyu musi. Tuzosubira ejo rero.


      GUIGOZ 19


C : Bwakeye Mike, ejo wambwiye ko tuvugana ku yandi mabango, mbega ugomba ko   tuvugana kuyahe uno munsi ?

M : Eeeh… Mbega ntitwovugana ku Bigisha n’Intumwa ?

C : Neza cane ! Ndafise igishika co kumenya ivyerekeye Intumwa kuko womenga abantu bose baratinya iryo zina. .. twama twumva havugwa Abungere n’Abavugabutumwa nkoh’umenga Intumwa zaheranye n’igihe ca bibiliya kandi ntizikibaho mur’iki gihe cacu

M : Mubisanzwe, ibango ry’Intumwa riracakora na bugingo n’ubu mu mashengero menshi mw’isi ariko kenshi bitwa « Abamisiyonari »

C : None iryo bango rikora gute ?

M : N’ugushira abatizera bari ahantu ubutumwa bwiza butari bwabashikire bagahinduka kuba abigishwa ba Yesu Kristo, bakigishwa no kuhashinga ishengero bakigisha abungere maze bakabandanya rwabo mu ntumbero yo kwigarurira ibindi bisagara

C : Nkukw’Intumwa Pawulo yabigenza?

M : Si Pawulo gusa ariko n’Abigishwa bose ba Yesu Kristo bari Intumwa kukw’imbere yuko Yesu aduga mw’ijuru yababwiye mu vyakozwe n’intumwa1:8 “Ariko muzohabwa ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe I Yerusalemu, n’I Yudaya hose, n’I Samariya, no gushitsa kumpera y’isi”

C : Intumwa rero ni umuntu agendagenda?

M : Twisunze insobanuro yo muri Bibiliya…. Inyishu ni ego

C : None ni kuki hariho Intumwa zitwa Abungere b’amashengero maze bakaguma mu kibanza kimwe gusa kandi baramutse bagenda, usanga baja kuvuga ubutumwa ahantu runaka bakagaruka baja muri ca kibanza cabo basanzwe babamwo ?

M : Nkuko Bibiliya ibivuga, abo si Intumwa ariko n’Abungere kandi naho tubita Intumwa n’izina ry’icubahiro gusa. Si ukuvuga yukw’igihe ufise izina ry’Intumwa uca ucika Intumwa, kuko nkuko Pawulo avuga mu 2 Ab’i Korinto10 :18, uwishimagiza si we yemerwa, ariko hemerwa uwo Umwami wacu ashimagiza

C : Ndizera konatahuye neza ibango ry’intumwa mbega none ntiwombwira ivy’Abigisha ? Umwigisha n’iki kandi afise igikorwa ki mw’ishengero ?

M : Igikorwa c’Umwigisha ni ukwigisha ihanga ry’Imana n’ukubafungurira ijambo ry’Imana mu kubazanira uguhishurirwa kwose gushoboka kukw’ijambo ry’Imana riri mu mpwemu kandi uwigisha wese ategerezwa kuryigisha mu mpwemu

C : Rero iyo abakiristu bigishijwe, barashobora na bo nyene gukora ico gikorwa co kwigisha ?

M : Uragaba Corinne ! Ntukitaranye akaririro ko gukorera Imana n’umuhamagaro kuko benshi barwa mur’uyo mutego. Intumwa Pawulo iravuga muri 1Ab’I korinto12 :29 ko bose badashobora kuba intumwa, abigishwa n’abavugishwa n’Imana. Umukirisu ategerezwa gusenga kugira ngo aronke ubuyobozi bwa Mpwemu w’Imana ariko ndakugabishije ko har’akaga ko kwigira Umwigisha iyo utarungitse n’Imana koko. Ibango ryo kwigisha riratandukanye n’ukuvuga ubutumwa bwa Yesu mu gushinga intahe kuko nkuko nakubwiye, iryo n’itegeko rya buri mukirisu wese

C : Ni kuki uvuga ko hari akaga ko kwigira umwigisha ? Uwo mwihariko ushingiye kuki ?

M :Kuko Bibiliya ibitubuza mu kutugabisha ko hadakwiriye kuba abantu benshi biyita Abigisha, kuko Abigisha bazocirwa urubanza ruruta iz’abandi…ushobora kubisoma muri Yakobo3 :1

C : Kubera iki bakarira cane Abigisha ?

M : Kuk’umwigisha afise ubushobozi bwo gusambura canke kwubaka ishengero kand’ijambo ry’Imana ritubwira ngo ntihakagire abantu benshi biyita Abigisha ijambo ry’Imana, ni kugirango ntihakagire umuvurungano mw’ishengero ry’Imana. Ihanga ry’Imana ritegerezwa kwubakwa n’inyigisho zimwe, umutima umwe, umushaha umwe, ivyiyumviro bimwe n’urukundo rumwe! Kandi rero utudumbidumbi n’inyigisho z’amadayimoni zizanana n’inyigisho z’ibinyoma kubera yuk’umurwanizi acishiriza cane mu nyigisho

C : Ego cane ariko ni kuki none ushimikira cane ku nyigisho ?

M : Kubera yukw’inyigisho zihishura ivyahishijwe kandi igihe abakirisu bizeye ivyo ubigisha uca uba igikoresho gishobora gukoreshwa n’umurwanizi kuko ababona muri wewe ubushobozi busambura. Igihe uwigisha atari umuny’amasengesho, kenshi na kenshi arangiriza mu guhusha inzira nyayo, umurwanizi amaze kumwigarurira benshi mu basanzwe bari inyuma yiwe baca bata inzira

C : Ndagushimiye k’umuco umpaye kandi niyumvira k’ubutaha tuzovugana kw’ibango ryo kuvugishwa n’Imana


 

     GUIGOZ 20


C :Bwakeye Mike,

M : Bwakeye Corinne

C : Ndizera konatahuye akamaro k’Umuvugabutumwa, Umwungere, Intumwa hamwe n’Umwigisha ariko rero nagomba k’uyu musi tuvugana kuvyerekeye Umuvugishwa n’Imana. Ndamaze kubona ko benshi bavugishwa ariko ngomba kumenya y’ukuwuvugishwa n’Imana yob’umwe mw’ishengero canke k’umuntu wese ashobora kuvugishwa?

M : Umurongo wo muri 1Ab’I korinto12:29 utwereka neza kw’atari bose bavugishwa n’Imana. Ariko kandi umukirisu wese afise Mpwemu Yera ashobora kuvugishwa kuko bibiliya ivuga muri 2Petero1:21 iti “kukw’ata jambo ry’abavugishwa n’Imana ryazanywe n’ukugomba kw’umuntu, ariko abantu bavuga ivyava ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera”. Naho nyene, utegerezwa gutandukanya ingabire n’ibango ryo kubugishwa n’Imana. Ku vyerekeye ingabire yo kuvugishwa n’Imana, iganuke riza igihe Imana igomba kuvuga kandi bishika kenshi mu makoraniro y’amasengesho ariko Umuvugishwa n’Imana asanzwe akorera mw’ishengero maze Imana ikavugana kenshi n’ihanga ryayo icishije muri we

C : Ni vyiza, wagerageje kuntahuza yukw’atari umuntu avuga ahubwo ari Imana ivuga icishije muri we?

M : Ego cane, ariko urasabwa gutahura kw’ insobanuro nyakuri y’ijambo ry’Imana “kwigisha canke kuvuga ubutumwa” ari “ukuvuga kubw’Imana” ari na yo nsobanuro nyayo y’ijambo “Kuvugishwa” mu rurimi rw’igiheburayo

C : Rero Mike, ubu ndizera yuko twinjiye mu bintu bikomeye. Igihe giheze nahaririye cane n’umukirisu yariko agerageza kumbwira k’umugore adafise uburenganzira bwo kuvuga mw’ishengero yisunze 1Ab’I korinto14:33-34 handitse ngo: “Kukw’Imana atari iyimivurungano, ariko n’iya mahoro. Abagore bacereze mu makoraniro kuko batemerewe kuvuga, ariko baganzwe, nkuko ivyagezwe na vyo bivuga”. Narageze aho nemera  yukw’avuga ukuri ariko ntangajwe n’insobanuro uhejeje kumpa kuvyerekeye ijambo “kuvugishwa” kuko nasomye muri Yoweli2:28 kw’Imana izosuka Mpwemu wayo kubari n’umubiri bose kandi ngw’abahungu bayo n’abakobwa bayo bazovugishwa nayo! Bikaba bisobanura koko kuvuga kubw’Imana, jewe sintahura impamvu zituma babuza abagore kubwiriza  mu mashengero runaka kuko bitwa abagore gusa

M : Ivy’uvuga n’ukuri, igihimba co muri 1Ab’I Korinto14:33-34 kizana kuzazanirwa kenshi cane cane kubera k’umurongo wa 37 intumwa Pawulo avuga y’ukw’ar’icagezwe c’Umwami…

C : Ntunga ndaguciremwo Mike, ndamaze kwumva abakirisu benshi bavuga ko Pawulo yabwira ishengero ry’I korinto gusa kuko yagomba gutatura amatati bari bafise muri kirya gihe

M : Ariko Corinne, usomye witonze umurongo wa 33, usanga Pawulo avuga kw’abwira amashengero yose kukw’avuga ngo: “Nkuko bimeze mu makoraniro yose y’abera…”

C : Mbega none ukwo kuzazanirwa kuva hehe, ko wambwiye yuko “kuvugishwa” bisobanura “kuvuga kubw’Imana”kandi nkaba nakweretse yuk’umuvugishwa n’Imana Yoweli avuga kw’abahungu  n’abakobwa b’Imana bazovugishwa  nayo mu bihe vy’iherezo? Kw’abakobwa b’Imana bashobora kuvugishwa naYo, nca bona yuko bashobora no kubwiriza mu makoraniro arimwo n’abagabo, none uvyiyumvirakw’iki ga Mike?

M : Ndemeranya nawe kuko Pawulo yongera kuvuga muri 1Ab’I Korinto11:5 ivyerekeye umugore asenga canke avugishwa n’Imana. Ariko ndagomba ko dusuzuma ico ciyumviro intambuko ku yindi, si vyo none?

C : Neza cane, ndiko ndagukurikira ijana kw’ijana

M : Ukuzazanirwa guhambaye kuri ku mirongo ya 33 na 34 n’ukuvuga 1Ab’I Korinto14:33-34 ariko jewe ubwanje ndakubwira ico ndavyiyumvirako, nsaga insobanuro ku murongo wa 35 aho ategeka abagore kubaza abagabo babo I muhira kubera yukw’atari vyiza k’umugore avuga mw’ishengero. Maze iyo ntumwa Pawulo nyene yandikira Timoteyo avuga ngo: “Ariko sinkundira umugore ko yigisha  canke kuganza umugabo, arikw’atekereze” 1Timoteyo2:12. Ibi binyereka ko Pawulo yashimangira cane guca bugufi kw’umugore imbere y’umugabo kandi nkuko vyanditswe mw’ijambo ry’Imana, umugore ategerezwa guca bugufi imbere y’umugabo wiwe nkukw’ishengero rica bugufi imbere ya Kristo nkuko tubisoma mu Banyefeso5:24 kandi ni Pawulo wa wundi nyene avuga mu 1Ab’I korinto11:5 yuk’umugore ashobora kuvugishwa n’Imana ari nako kuvuga kubw’Imana kandi ubuvugishwa buza kugira ngo butoze indero, buhanure no kwubaka ihanga ry’imana harimwo n’abagabo. Uwavugishwa n’imana yitwa Yoweli akabayaravuze kw’Imana izovugira mu bahungu n’abakobwa bayo, ndatahura yukw’ititwararika igitsina c’uw’igomba kuvugiramwo ariko ivugira mu muntu ishaka kuvugiramwo no kugihe ishaka kuvugirako. Gusa Pawulo yabujije abagore kwigisha ariko ntiyababujije kuvugishwa canke kuvuga ubutumwa. Mu kurangiza ndagusavye usome Ab’I galatiya3:28 maze mbanje kumenyesha kw’ari Pawulo nyene yandikiye ishengero ry’I Galatiya.

C : “Ntihashobora kuba umuyahudi canke umugiriki, ntihashobora kuba umugurano canke uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo canke umugore, kuko mwese mur’umwe muri Kristo Yesu”… Ohooo Mike! Ndizera yuko bitahuritse cane kandi sinkekeranya iki ari igihe co gusangira n’abandi ivyo mpejeje kwumva.

M : Ni vyiza cane, ndizera ko bihagije kubw’uyu musi. Tuzosubira muri Guigoz ya 21


 

  GUIGOZ 21


C : Bwakeye Mike, uno musi mfise ikibazo nkoramutima cerekeye ikigira cumi n’amashikanywa. Ndazi ko Pasitori wanje abivugako kenshi ariko ivyo natahuye vyose ni ko notanga ikigira cumi ari co gice c’icumi c’ivyo turonka mu bikorwa dukora, amashikanwa na yo ntarugero canke ibice twabwiwe twisunga mu gutanga.Gushika uno musi ntanga ngo nshitse icagezwe gusa ariko noshima kumenya insobanuro n’impavu y’ivyo ntanga. Ngomba kumenya aho ico cagezwe c’ikigiracumi n’amashikanwa cavuye.

M : Dutangurire ku kigiracumi

C : Ni vyiza

M : Ikigiracumi ni kimwe mu vyagezwe Uhoraho yahaye Mose ku vyerekeye ihanga Isirayeli. Ugurura Bibiliya usome yawe usome mu Guharura18:21

C : “Abalewi ehe mbahaye ibigiracumi vyose Abisiryeli batanga, kuba ari vyo biba ishamvu yabo, ndabibahaye kw’impembo vy’ibikorwa bakora vyo mw’ihema ry’ibonaniro.”

M : Uratahuye kw’ibigiracumi vy’ari bibikiwe ihanga rimwe.

C : Irihe?

M : Ihanga rya Lewi. Lewi yar’umwe mu bahungu ba Yakobo kandi Imana yategetse Mose kw’Abisirayeli bategerezwa kuzana ibigiracumi ku bana ba Lewi kuko bakora ubudaca mw’ihema ry’ibonaniro.

C : Ushaka kuvuga yukw’ar’ivyo nyene bakora? Ico ni co car’igikorwa cabo gusa?

M : Ego cane, baguma bakora mw’ihema ry’ibonaniro umwanya wabo wose, Abisirayeli bose bategerezwa kuzanira ibigiracumi vy’ivyo baronka vyose abahungu ba Lewi ari bo bitwa “Abalewi”

C : Abisirayeli babazanira ibigiracumi nko kubashimira?

M : Oya, kw’ar’ukwubaha Uhoraho kukw’Abalewi bakorera Imana ibihe vyabo vyose kandi guha umulewi ikigiracumi ni nko kugiha Imana ubwayo

C : Ni nk’umushahara w’Abalewi ni nimba nagutahuye neza

M : Ego ni vyo kukw’Imana ivuga mu Guharura18:31 “Muzobirira aho mugomba hose, mwee n’abo mu ngo zanyu; kukw’ar’impembo zanyu muhemberwa ibikorwa mukorera mw’ihema ry’ibonaniro.”

C : Ndavyemeye, none ni irihe tandukaniro riri hagati y’ikigiracumi n’amashikanwa?

M :Ishikanwa ry’ari rigizwe n’ibintu bigaragara ihanga ry’Imana ryazana ngo bikoreshwe mu kwubaka no gukorera mw’ihema ry’ibonaniro, kandi vya cungerwa n’Abalewi. Kugira utahure ivyo mvuze, urashobora gusoma mu Guharura 7:3-5

C : “Bazana amashikanywa yabo imbere y’Uhoraho, imikogote itandatu isakaye hejuru, n’inka cumi na zibiri zo kuyikwega:abo bakuru bose, babiri-babiri basangira gushikana umukogote,umwe-umwe akisangiza gushikana inka;babizana imbere y’iryo hema.Uhoraho abarira Mose,ati ni wakire ivyo bazanye, bibe ivyo gukoreshwa ibikorwa vy’ihema ry’ibonaniro; ubihe Abalewi babikoreshe, umuntu wese nk’ukw’igikorwa ciwe kiri ”
Ego mbega kw’ivyo vyose vyari mw’Isezerano rya Kera, ni kuki none abantu babandanya gutanga ikigiracumi n’amashikanwa kandi Abalewi batakiriho canke ihema ry’ibonaniro?

M : Abalewi ntibakiriho ariko haracariho abakozi b’Imana bakorera Imana umwanya wabo wose maze ikigiracumi kikababeshaho nkuko vyari bimeze ku gihe c’Abalewi mu gihe ca Mose. Amashikanwa afasha mu kwubaka no kugira neza ingoro y’Imana ni ukuvuga ishengero n’ibikorwa vyose bihakorerwa, naho nyene ni nkuko vyakorwa mu gihe ca Mose.

C : Naguma nibaza kubera iki Yesu atigeze avuga ku vyo gutanga ikigira cumi n’amashikanwa ni co kimwe na Pawulo n’izindi ntumwa. Ndashobora kuba nihenze, ariko sindigera nsoma umurongo n’umwe mw’Isezerano Rishasha udusaba gutanga ikigiracumi n’amashikanwa cank’ucira urubanza abatabitanga. Ivyo ni vyo nama numva kubavugabutumwa benshi mu mashengero. Iy’ivyo biba ari nkenerwa cane, kuber’iki Yesu, Intumwa…ata n’umwe yigishije kukigiracumi n’amashikanwa?

M : Ntibavuze ku kigiracumi n’amashikanwa kuko bari bafise ukundi guhishurirwa kw’impwemu ku vyerekeye gukorera Imana dukoresheje amafaranga yacu. Muri Luka12:21, urashobora kubona ingene Yesu agabisha abagomba kwitungisha hatirimwo inyungu z’Imana. Pawulo nawe avuga muri 2Ab’I korinto 9:6-7 yuk’uwubiba bike azokwimbura bike, ubiba vyinshi azokwimbura vyinshi. Aravuga kandi kw’Imana ikunda abatanga banezerewe atagahinda cank’agahato. Corinne ndaguhanura k’utosubira kugerera Imana ku kigiracumi kukw’ikwiriye ibirengeye ivyo. Ntukabohwe n’icagezwe na kimwe ariko uyoborwe na Mpwemu Yera uwo niwe azokwereka ingene Imana ari nkuru ntuzoba ugitanga igice kimwe c’ivyo uronka kandi wibuke k’ubivye vyinshi uzokwimbura vyinshi kukw’Imana yacu ar’iyo kwizigirwa.

C : Urakoze cane kandi numva mbohotse koko. Tuzosubira muri Guigoz ya 22


  GUIGOZ 22

C : Bwakweye Mike,

M : Bwakeye Corinne,

C :Mike, numvise ubutumwa buvuga ko dukwiriye kwubaha abaganza n’abakuru mu ntwaro no kubasengera kuko bava ku Mana. None bova ku Mana gute kandi batashizweho n’abavugishwa n’Imana canke ni kuki dukwiriye kubasengera?

M : Ni vyiza, imbere ya vyose ni wugurure Bibiliya yawe usome mu Baroma13:1-2

C : “Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw’ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana. Ni co gituma ugabagabiye uganza aba agabagabiye icagezwe n’Imana: kand’abakigabagabiye bazoba bihamagariye gutsindwa n’urubanza” Mbega kw’atavyo narinzi na gato. Ni gute none muntu yobayarashizweho n’Imana mugabo akarenganya abandi?

M : Umuvugishwa n’Imana Daniyeli avuga kw’Imana ari yo ishinga abami muri Daniyeli2:21 kandi ngomba k’utahura yukw’avuga ku bami bisobanura abandi bami baganza ayandi mahanga atari Isirayeli. Mu yandi majambo bisobanura ko yavuga ku bami b’abapagani kandi nta nkeka ko basenga izindi mana ... uno musi twobigereranya n’abakuru b’ibihugu. Ukaba wizera kw’ijambo ry’Imana ar’ukuri, utegerezwa kwemera kw’atakuganza kutava ku Mana

C : Nyereka igice kivuga ko bikenewe cane gusengera abaganza?

M : Urashobora gusoma muri 1Timoteyo 2:1-3

C : “Irya mbere y’ibindi vyose, ndabahanura kwingingira abantu bose no kubasengera no kubasabira no kubashimira Imana: kandi cane-cane abami n’abashizwe hejuru bose, kugira ngo twame mu mahoro dutekereje, twubaha Imana tur’inyanka mugayo rwose. Ivyo ni vyo vyiza vyemerwa mu nyonga z’Imana Umukiza wacu.”

M : Uratahura ko hatavugwa abami gusa ariko n’abashizwe hejuru bose?

C : None mu kubasengera duca tubaho ubuzima butekanye? Ni kuki tutosaba Imana ishireho umuntu ayitinya kandi dusangiye ukwizera?

M : Corinne wibuke igihe nakubwira isengesho ryo mu mpwemu n’isengesho ryo mu mubiri. Jewe narabonye abakirisu mu gihugu runaka basenga Imana ngw’ikureho canke yice umukuru w’igihugu cabo kandi ivyo babitumwa n’umubabaro bafise arik’urazi kw’Imana idashobora kwishura amasengesho ben’ ayo. Igihe tuyisaba gukuraho ubutegetsi yashizeho ubwayo, ivyo bisobanura yuko tuba dusuzuguje uguhitamwo kwiwe bigasa n’aho tugomba kuyikosora. Birasabwa k’utahura yukw’ata kintu na kimwe Imana igira mu gucacisha, igihe dusengera abaganza, Imana irashitsa ubugombe bwayo kukw’ari yo ibaha ububasha bwose bafise kandi ni mur’ubwo bubasha nyene ishinga kandi igahindura abaganza bihwanye n’ubugombe bwiwe.

C : Rero mur’ico gihe si vyiza kubavuma?

M : N’ivyagezwe birabitubuza; Mu Kuvayo 22:28 handitswe ngo: “Ntihaze hagire uwurogota kuri jewe Imana, canke ngw’avume umukuru wo mu bwoko bwanyu.”

C : Ariko vyarashika aho Pawulo n’intumwa bashavura bagatuka abaganza bababuza kuvuga ubutumwa.

M : Corinne wibuke ko Pawulo n’intumwa bari biremwa muntu nka wewe na nje, kandi uzosanga kw’igihe cose bisanga mu makosa barihana canke bagasaba imbabazi

C : Urashobora kunyereka igice aho umwe mu ntumwa yitwaye nabi imbere y’umukuru yababuza kuvuga ubutumwa akabisabakw’imbabazi?

M : Urashobora gusoma mu Vyakozwe n’intumwa 23:3-5 aho Pawulo yatutse umuherezi mukuru amwita “urusika rukuyengejekw’ingwa” arikw’abari kumwe na we baciye bamumenyesha yuk’uw’atutse ar’umuherezi mukuru nawe yaciye yihuta gusaba imbabazi avuga yukw’atar’abizi kuko yamenyeko bibujijwe kuvuga nabi umukuru.

C :Hamwe n’ivyo mpejeje kwumva, ndatahuye ko ntegerezwa kwihana kuko binshikira nkavuga nabi abakuru kandi sinarinzi n’uko nategerezwa kuba ndabasengera

M : Birashobora kudushikako twese arikw’igihambaye n’ukwitahura vuba ugasubira mu nzira nziza kuk’uribuka kw’ijambo ryo mu Baroma13:2 ryatubwiyeko tubatwihamagariye urubanza twebwe ubwacu.

C : Ndagushimiye cane Mike, nzosubira kukubona muri Guigoz ya 23


 

GUIGOZ 23

C :Bwakeye Mike, nahuye n’umukirisu yagomba kunyemeza ko Eliya uwavugishwa n’Imana yagarutse Yesu amaze kwurira mw’ijuru kandi ko yaduhaye ukundi guhishurirwa kandi ng’uwudafise ukwo guhishurirwa yarazimiye. Mbega urashobora kumbwira ivyerekeye Eliya uwavugishwa n’Imana no kuza kwiwe kwavugishijwe kuva kera?

M : Ndazi neza inyigisho ben’izo kandi vyose vyubakiye ku mirongo ibiri ya Bibiliya. Uribuka igihe nakubwira k’umurwanizi akorera cane mu nyigisho no gusobanura nabi umurongo umwe canke ibiri muri Bibiliya bikaba umuryango w’amahonero. Iyo mirongo ibiri tuyisanga muri Malaki 4:5-6 ,  handitswe ngo: “Umve nzobabarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kandi utey’ubwoba utarashika. Uwo ni we gisanganya azosanganya imitima ya ba se n’iy’abana; kugira ngo noye kuzoza ngatera isi umuvumo.”

C : Mbona ubwo buhanuzi butahurika: hategerezwa kuvuka umuntu afise impwemu nk’iya Eliya ngw’ategurire Umwami ihanga ryiteguye, biragaragara rero k’uwo Eliya yategerezwa kuza agategura abantu imbere yo kuza kw’Umwami Yesu?

M : Nanje numva bitahurika ariko harakenewe igice ca Bibiliya kivyemeza. Mbe ku bwawe umugishwa n’Imana yaje gutegurira Umwami inzira n’inde?

C:        Ntankeka ni Yohana Umubatizi. S’umuvugishwa wa nyuma imbere yo kuza kwa Yesu                       
            gusa, niwe kandi yateguye Abisirayeri mu kubabwira yuk’uwuje inyuma yiwe amuruta                  
            ububasha, kandi yarahaye n’uburenganzira abigishwa biwe ngo bakurikire Yesu.

M : Neza cane Corinne, ariko ngomba ko wugurura Bibiliya yawe usome muri Luka1:16-17 urabona ingene umumarayika yabonekeye Zakariya (se wa Yohana Umubatizi) yavuze igikorwa azokora

C : “Kand’azosanganya benshi bo mu Bisirayeli n’Umwami Imana yabo. Azoyiza imbere ari n’umutima wa Eliya n’ubushobozi bwiwe, ngw’asanganye imitima ya ba se n’abana, n’intabarirwa azisubize ku bwenge bw’abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubwoko buroranye.” Ni vyo ndabona kwazosanganya imitima ya ba se n’iy’abana, ni kuki batavuga kwazosanganya imitima y’abana n’iya ba se nkuko vyavugishijwe muri Malaki4:5-6?

M : Nawe mbwira ico bisobanura “gusubiza intabarirwa ku bwenge bw’abagororotsi?” Intabarirwa no bande, abagororotsi bafise ubwenge ni bande?

C : Eeego. Uri mu kuri, intabarirwa n’abana, abagororotsi ni ba se. Mu bisanzwe nakubajije ico kibazo kukw’abahagaze kur’izo nyigisho nakubariye ntibahakanako Yohana Umubatizi yarimwo impwemu ya Eliya ariko bavugakw’azosanganya imitima ya ba se n’abana ntibavuga imitima y’abana na ba se, rero uwundi Eliya azoza gusanganya imitima y’abana na ba se.
M : Ndabizi nkuko nakubwiye ko nzi neza izo nyigisho mbere n’ibini utazi kuri zo, kuko bavuga ko Eliya azogaruka gutegura ukuza kw’Umwami.

C : None ushobora guhinyuza gute kw’atari ukuri?

M : Muri Matayo 24:3 , ku musozi wa elayo, abigishwa barabajije Yesu ngw’ababwire ibimenyetso vyo kugaruka kwiwe n’ivy’umuhero w’isi kandi urashobora gusoma igihimba cose ca 24, nta gice na kimwe uzobona aho Yesu yavuze ko Eliya azogaruka gutegura ukuza kwiwe mbere na Yohana Umubatizi ntawe yavuze

C : No mw’isezerano rishasha ryose?

M : Kiretse ko woba ufise iyindi bibiliya, ariko jewe ndazi ibimenyetso vyose Yesu yatanze ubwiwe kandi yaravyeruye muri Matayo24:33: “N’uko, namwe ni mwabona ivyo vyose bishitse,muze mu menye kw’ari hafi, ku rugi.”

C :Rero biragaragara ko Yohana Umubatizi ari we Eliya yategerezwa kuza?

M : Ugomba ko bisobanuka kuruta, soma muri Matayo11:13-14

C : “Kukw’abavugishwa n’Imana bose bavugishijwe, bo n’ivyagezwe, gushitsa ku gihe ca Yohana, kandi ni mwaba mugomba kuvyemera uwo ni we Eliya yavuzwe kw’azoza.” Emwe birasobanutse cane! None uvuga iki kubavuga ko Eliya ar’umwe mu mubavugishwa babiri bavugwa mu Vyahishuriwe 11?

M : Ku bwanje, abavuga kw’ar’impwemu ya Mose na Eliya, babivuga kuko mu Vyahishuriwe11:6 havuga ko bafise ububasha bwo gukinga ijuru, ngw’imvura ntikoroke kandi barafise ubushobozi bwo guhindura amazi mu maraso kandi urazikw’atabandi atari Mose na Eliya bagize ivyo bintu bibiri

C : Imana iguhezagire kuk’ubu ibintu bisobanutse cane. Ndazik’ufatiriwe ariko ndafise ikibazo ca nyuma ntarakurekura rwose. Kizoba muri Guigoz ya 24: nagomba kumenya ko yesu ari Imana canke Umwana w’Imana gusa?

M : Uzobimenya muri Guigoz ya 24


 

 GUIGOZ 24


C : Bwakeye Mike, uno musi niko kubonana kwa nyuma kandi nkuko nabikubwiye ubuheruka, nkeneye inyigisho ku bumana bwa Yesu kuko sintahura ingene ashobora kuba Imana kandi hariho imirongo myinshi ya Bibiliya aho Yesu ubwiwe yita Imana “Data” kandi avuga kenshi ku vya Se ari mw’ijuru. Yesu ni yaba ari Mana koko, ni kuki yahamagara iyindi Mana?

M : Imbere ya vyose mbanje kukubwirakw’ari nyigisho ikeneye uguhishurirwa kudasanzwe kuva kuri Mpwemu Yera kuko nabonye abantu benshi igihe bahejeje gusoma imirongo yose yemezako Yesu ar’Imana, baguma batavyizeye neza.

C : Ariko Mike, niwe yivugira muri Yohana 14:6 kw’ari we nzira ukuri n’ubugingo kw’atawushika kwa Data atamujanye... mbega iyo nsobanuro ntikwiye?

M :Ni vyiza kumpa uwo murongo kukwaho ni ho duhera nyene. Ntugume ku murongo wa 6 gusa, manuka no ku wa 7 n’ukuvuga Yohana14:7 

C : “Iyo muba mwaramenye, na Data muba mu muzi.Uhereye ubu muramuzi kandi mwamubonye.”  Mike ugomba kuvugako yarikw’arababwira ko bamubonye, baba bamaze kubona Data?

M : Tubandanye buhoro buhoro, kandi ntuhagarare... soma 8 n’ukuvuga Yohana 14:8

C : “Filipo aramubwira ati mugenzi twereke So, bizoba bihaye.”  Ndumva bitanguye kuryoha kuko Filipo yagomba kubona Data mu kuvugana na Yesu!

M : Nakubwiyeko tubandanya buhoro buhoro kandi ntuhagarare, bandanya usome umurongo ukurikira n’ukuvuga Yohana 14:9

C : “ Yesu aramubaza ati mbega ko nabanye namwe igihe kingana girtyo, nturakaruha ummenya ga Filipo? Ubonye jewe aba abonye Data, non’uvuga ute ngo twereke So?” Nkuko tubibona Yesu aratangaye cane kubona Filipo atari bwabone Data! Bisobanura ko Yesu ubwiwe ari Data! N’aha ntivyoroshe gutahura!

M : Ntuhagarare kandi! Turangiriza ku murongo ukurikira n’ukuvuga Yohana 14:10

C : “Nti wizeye ko jewe ndi muri Data, na Data ari muri jewe ? Amajambo mbabwira s’ayo nigeneye, ariko Data aba muri jewe ni we akora ibikorwa vyiwe.” Ubu birasobanutse kuruta! Ariko Mike, mbega turashobora kwita Yesu “Alufa na omega, uwa mbere n’uw’iherezo” Izina ryitirirwa Uhoraho gusa nkuko tubibona muri Yesaya 44:6?

M :Ego cane urashobora gusoma ivyo Yesu yabwiye Yohana mu Vyahishuriwe1:17

C : “Ndamubonye ni kubita imbere y’inyundo ziwe nk’upfuye; maz’anshirak’ukuboko kw’iburyo, ati ntutinye; jewe nd’uwa mbere kandi nd’uw’iherezo.”
 Biratunganye! Mbega har’uwavugishwa n’Imana mw’Isezerano rya Kera yavugishijwe kuri Yesu amwita Imana?

M : Ego cane! Soma Yesaya 9:6 ( Mu ndime zimwe ni Yesaya9:5)

C : “kuk’umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukuma w’amahoro” .
 Nivyo nyereka igice kimwe aho intumwa yise Yesu “Imana yanje” Yesu akavyemera?

M : Soma Yohana 20:28-29

C : “Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.  Yesu aramubwira, ati Wijejwe n’uk’umbonye. Hahirwa abatarinze kubona yamara bakizera.”
 Vyose biratunganye ariko ngomba unyereke akarorero kamwe aho Imana ishobora kuba mu mwanya umwe Data, Mwana na Mpwemu Yera?

M : Ndazi umwigisha wa kaminuza muri Kongo, yigisha ibiharuro kandi agakora nk’umuyobozi mu ruganda rucukura ubutaka kandi ar’umupastori w’ishengero. Yakora ivyo bintu bitatu wenyene ariko kamere kiwe kaguma kakandi nyene... kw’ishengero,kuri kaminuza, no mu ruganda rucukura ubutaka yaguma ari wa muntu umwe nyene arikw’ivyo yakora ni vyo vyatandukana. Niko bimeze no ku Mana, ni Data, Mwana na Mpwemu Yera. Imwe rudende yigaragaza mu buryo butandukanye.

C : Mike urakoze cane kubwo kwihangana kwawe kandi nizera ko tuzozubira uwundi musi.

M : Nongeye kugusigira umurongo wo muri Yakobo1:22-24 utubwira ko tutoba abumviriza gusa ijambo ry’Imana ariko ko tworigendera.
            Nagasaga Corinne

C : Nagasaga Mike kandi Imana iguhezagire

  MUSHOBORA KUZIRUNGIKIRA ABANDI BENE DATA ARIKO NTIHAGIRE ICO MUHINDURA.

 MUFISE ICO MWUNGANIRA CANKE MUBAZA, MUSHOBORA KUTWANDIKIRA KURI:

 Chris Ndikumana
 BP : 343
 Bujumbura – Burundi
 
 E-mail : Cette adresse e-mail est protégée contre les robots spammeurs. Vous devez activer le JavaScript pour la visualiser.