Inyigisho Guigoz 1-12


INYIGISHO GUIGOZ

INTANGAMARA

Bavukanyi, ndabaramukije. Abantu benshi barakira Yesu Kristo ariko ntibashika ku gukura mu vy’ impwemu bigaca bituma wa mubi bimworohera kubigarurira kuko Bibiliya itubwira ko ijambo ry’Imana ari inkota ya Mpwemu, kandi tudafise iyo nkota ntidushobora kwitega uwo mubi.

Bibiliya itubwira mu cete candikiwe Abaheburayo 5:11-14: «Dufise vyinshi tubivugako, kandi binagoye gusobanura, kuko mwabaye ibitumva. Mwebwe naho mwari mukwiye kuba mwaramaze kuba abigisha, muracakeneye ko babigisha ibintu vyo mu ntango vy’ivyavuzwe n’ Imana, mwabaye abakwiye gutungwa n’amata mu mwanya wo kurya ivyo kurya bigumye. Nuko rero, umuntu wese akinywa amata ntaba aramenya ivyerekeye ijambo ryo kugororoka; kuko aba ari uruhinja. Ariko ivyo kurya bigumye ni ivy’abakuze, bo bafise ubwenge, bakama babukoresha mu gutandukanya ikibi n’iciza.»

Mur’iyo mirongo, biraboneka neza ko bavuga ku bantu bamaze igihe kirekire mw’ishengero ariko bakaba bagikeneye amata mu mwanya w’ ivyo kurya bigumye. Bibiliya iranashika kure cane mu kuvuga ko bari bakwiye kuba abigisha ni ukuvuga kwigisha abandi.
Mu Cete ca mbere candikiwe Abikorinto 3:1-2, intumwa Paulo avuga ati: « Kubwanje, bene Data, sinashoboye kubabwira nk’ab’impwemu, ariko nababwiye nk’abaganzwa n’akameremere k’imibiri yabo, nk’abana b’inzoya bo muri Kristo. Nabaramije amata, sinabagaburiye ivyo kurya bigumye, kuko mutari bwabishobore… »

Izi nyigisho nazise «Guigoz» kuko ntanguzanya nyene inyigisho z’uruhinja mu vy’impwemu ngashitsa no ku w’ukuze. Ni ibikopo rero cumi na bibiri vya Guigoz ni ukuvuga mpera kuri Guigoz ya mbere nkageza kuri Guigoz ya mirongibiri na kane (24).

Nashimye ikiyago c’abantu babiri mu kwiyumvira ku muntu agikizwa buno nyene azokwama agaburigwa kugeza akuze. Ategerezwa rero kunywa ivyo bikopo 24 vyose kugira ashobore kuba umuntu akuze ashobora gutandukanya ikibi n’iciza (Heb.5:14)

Imana Ibahezagire

Chris Ndikumana


 

 GUIGOZ 1


Corinne: Bwakeye Mike, amakuru maki ?
Mike : Yooo Bwakeye neza Corinne, imisi myinshi !
C : Ngize Imana kukubona kuko hari haheze imisi ibiri ndiko ndakurondera.
M : Emwe nanje ndaha !
C : Ubwa mbere nagomba kukumenyesha ko haheze imisi ibiri natumiwe mu    
  gikorane kandi ubutumwa bwarashitse ku mutima hanyuma mpava negurira
  ubuzima bwanje Yesu Kristo.
M : Yooo! Imana ishimwe cane! Mbega urazi, wafashe ingingo nziza cane mu
  buzima bwawe.
C : Ariko rero sintahura neza ico bivuga kuvuka ubwa kabiri.
M : Ni ivyo nyene wakoze. Ni ukwemera Yesu-Kristo nk’Umwami n’ Umukiza wawe hanyuma ukamutumira kugira ngo aze mu buzima bwawe aguhindure.
C : Ampindure???
M : Egome, kuko Bibiliya ivuga mu 2 Ab’ i Korinto 5:17 ko  umuntu iyo ari muri 
Kristo, aba ari icaremwe gishasha, ibintu vya kera biba bishize, vyose   
biba bicitse bishasha.
C : Ariko jewe ndi umukatolika hamwe n’umuryango wanje wose kandi singomba guhindura idini.
M : Nta dini na rimwe rikiza umutima w’umuntu atari amaraso ya Yesu yonyene ashobora kwoza ivyaha vyawe, akeza umutima wawe kuko muri Matayo 5:8 havuga ko ari abafise imitima itanduye bazobona Imana kandi nta kindi atari amaraso ya Yesu yuhagira umutima w’umuntu.
C : Kiretse amaraso ya Yesu, ni ikihe kindi kimazi umuntu yotanga kugira ngo akizwe ?
M : Bibiliya ivuga mu Abanyefeso 2:8-9 ko twakijijwe kubw’ubuntu bitavuye kubw’ibikorwa; ariko kandi Yesu avuga muri Matayo 16:24 ko uwuzogomba kumukurikira , azokwiheba, akikorera umusaraba wiwe , agaheza akamukurikira.
C : Mike, bitomore neza gato, sintahura igituma bavuga umusaraba ...  Nari nzi ko ivyo vy’umusaraba vyaheranye na Yesu.
M : Ni ukuvuga ko ukwiye kwiheba ugakora ibihimbara Umwami wawe. Umusaraba ni ikimenyetso c’urupfu aho ivyipfuzo vy’umubiri vyawe, ivyo ukunda ... bitegerezwa gupfiramwo kuva ubwo ugaca utangura kurondera ubugombe bw’Imana.
C : Ahaaa! Ivyo rero ukibaza ko bishoboka?
M : Wewe ubwawe ntavyo woshobora ariko Mpwemu Yera arashobora kubigufashamwo.
C : Mbega urashobora kunyigisha ingene basoma Bibiliya? Sinzi aho nohera kandi mbona ko ari ibintu bingora.
M : Yoo Oya Corinne, ntakintu kigoye kirimwo. Ubwa mbere ukwiye kumenya ko umuntu atazotungwa n’umutsima gusa ariko atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana. Nk’uko Yesu abivuga muri Matayo 4:4. Ni utasoma ijambo ry’Imana, impwemu yawe izopfa kandi ntuzopfa umenye ivyagezwe vy’ Imana n’amasezerano yayo igufitiye. Akarorero, igihe jewe nahereza ubugingo bwanje Yesu, natanguye gusoma Isezerano Rishasha kuko nakunda cane ibitangaza Yesu yakora ariko na cane cane amasezerano ajanye n’ivy’ubuzima buhoraho. Hanyuma y’ivyo naciye ntangura igitabo c’Itanguriro, gutyo, gutyo.
C : Ndafise umukobwa w’umugenzi wanje yambwiye ko igihe cose agomba gusoma Bibiliya, arahumiriza hanyuma akazingurura Bibiliya yiwe acacisha agaca asoma igice canke umurongo ashikizako amaso igihe ahumuye.
M : Corinne, ukwiye kumenya ko Imana yacu atari Imana yo gucacisha. Ubwa mbere igihe ugenda mu bikorane vy’ abakristo canke mw’ isengero, ukwiye kwandika imirongo hanyuma umaze gushika i muhira ukayisoma mu buryo bwo kuyiyumvirako cane. Ikindi kandi igihe ugomba gusoma Bibiliya, banza ufate akanya gatoya ko gusenga usabe Mpwemu Yera ngo akurongore, cane-cane kugira ngo akumurikire kuko utari kumwe na Mpwemu Yera ntuzogenda ushoboye kubitahura.
C : Woshobora kumbwira ivyerekeye Mpwemu Yera?
M : Banza unogangize ico gikopo ca mbere ca Guigoz hanyuma nzokubarira ivyerekeye Mpwemu Yera muri Guigoz 2.


GUIGOZ 2


C : Mu vy’ukuri, Mpwemu Yera ni iki?
M : Mpwemu Yera ni umwitsa, uwo Yesu yasezeranye muri Yohana 14:26, ko Se azorungika mw’izina ryiwe, kandi uwo ni we ategerezwa kutwigisha vyose, kandi akatwibutsa n’ivyo Yesu yavuze vyose igihe yari akiri ngaha kw’isi.
C : Ariko Mike, wewe uvuga Mpwemu Yera nk’aho yoba ari umuntu kandi igihe kimwe narumvise insiguro ivuga ko Mpwemu Yera ari ubushobozi n’umuyanga w’igihuhuta …
M : Abo bavuga ivyo ni abataramenya Mpwemu Yera canke batanamuzi koko kuko Mpwemu Yera ari yo Mana nyene.
C : Gute????? Ugomba kuvuga ko umuntu ashobora kuvugana na we kandi ko ashobora kutwumva? Aho nibaza ko ushikuje Mike! Kiretse hamwe wobinyereka muri Bibiliya na yo ahandi sinshobora kuvyemera.
M : Namba wemera ko Bibiliya ari ijambo ry’Imana hinge ndabikwereke.
C : Nashaka kuvyumva nanje.
M : Reka dusome mu gitabo c’Ivyakozwe n’Intumwa hanyuma wewe nyene ubwawe uzokwibonera Mpwemu Yera uwo ari we. Ubwa mbere ngira ndakwereke ko Mpwemu Yera  ashobora kuvuga: Mu Vyakozwe n’Intumwa 13:2, handitswe ngo: «Bariko barasenga Umwami Imana, mu gikorwa cabo kandi bisonzesheje, Mpwemu Yera aravuga ati Nimundobanurire Barunaba na Sauli bankorere igikorwa nabahamagariye.» Urashobora gusoma kandi no mu Vyakozwe n’Intumwa 5:3-4 uzoheza utahure uko Petero na we abona Mpwemu Yera nk’Imana yo nyene ubwayo kuko yagirije Ananiya ko yahenze Mpwemu Yera ku murongo wa 3 n’uwa 4 avuga ati : «  si abantu mwahenze, ariko mwahenze Imana .» Uzongera kandi usome no mu Vyakozwe n’Intumwa 16 :6 aho Mpwemu Yera yabujije abigishwa kuja kuvuga ubutumwa muri Asiya kubera gusa ko yagomba ko bagenda i Makedoniya.
C : Ahaaa ! Ugomba rero kumbwira ko Mpwemu Yera afise ivyo yipfuza?
M : Ni wugurure Bibliya yawe mu Abanyefeso 4:30,  urabona ko Intumwa Paulo abuza kudashavuza Mpwemu Yera kubera gusa ko udakoze uko agomba, aca ashavura.
C : Mbega Mana yanje! None umuntu yokora iki kugira amuhimbare?
M : Mu kwemera kuyoborwa na we ...
C : None ugomba kuvuga ko umukristo vyitwa ko akwirikira ukuyoborwa na Mpwemu Yera?
M : Oya Corinne! Ntivyitwa ko ari uko, ariko ategerezwa ku mukurikira kuko mu Abaroma 8:14 handitswe ngo abarongorwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana. Kandi ukwiye kurondera kwuzuzwa Mpwemu Yera.
C : None akamaro ko kwuzuzwa Mpwemu Yera ni akahe?
M : Igihe umuntu yuzujwe Mpwemu Yera, ni ho ashobora gukora igikorwa yahamagariwe afise ububasha n’ubushizi bw’amanga.
C : None umuntu yokora iki kugira yuzuzwe Mpwemu Yera?
M : Ukwiye kumara umwanya ukwiye mu masengesho. Ku musi wa Pentekote, bose bari bakoraniye hamwe n’umutima uhuye,basenga badahumeka nk’uko vyanditswe mu Vyakozwe n’Intumwa1:14.
C : Rero ni ukuvuga ko umuntu mu buzima bwiwe yuzuzwa Mpwemu Yera rimwe gusa?
M : Oya na mba! Ushobora kubisoma mu Vyakozwe n’Intumwa 4:31, igihe Herode na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango y’Abisirayeli bakoraniye kugwanya ubutumwa bwiza, intumwa zarasenze, ahantu bari bakoraniye haciye hatigita; bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca baravuga ijambo ry’Imana bashize amanga. Reka ndakwibutse ko ari babigishwa nyene bari barujujwe Mpwemu Yera ku musi wa Pentekote. Urabona rero ko umuntu atuzuzwa Mpwemu Yera incuro imwe gusa.
C : Mbega urazi ga Mike, jewe narahereje ubuzima bwanje Yesu ariko singomba kubatizwa ubugira kabiri kumwe abaporoti babigenza.
M : Mbega wari ufise imyaka ingahe igihe wabatizwa ubwa mbere?
C : Ntavyo nzi neza mugabo mama yambariye ko noba nari mfise nk’imyaka ibiri.
M : Banza rero unoganze Guigoz 2 hanyuma tuzoheza tuvugane ivy’umubatizo muri Guigoz 3


 

GUIGOZ 3

C : Bwakeye Mike, Burya tugiheza ca kiyago cacu giheruka, twaciye duhura n’umukristo yanyemeje ko, ari umubatizo nabatijwe nkiri umwana, ari umubatizo wawe, nta n’umwe muri iyo ibiri ari uw’ukuri. Kubwiwe rero, ni ukuvuga ko twe nawe tutarabatizwa nk’uko Bibiliya ibitegeka kandi uvyemere je vyarampagaritse umutima cane rwose; kandi vyaciye bintera kuzazanirwa.
M : Mbega urashobora kumbarira icaguhagaritse umutima gusumba ibindi?
C : Ubwa mbere ni kuko ntagomba gusubira kubatizwa ubugira kabiri kandi yanyemeje ko n’umubatizo wawe na wo nyene atari uw’ukuri
M : Ikintu ca mbere niyumvira ukwiye gukora ni gusesangura Ivyanditswe Vyeranda ukaraba ico Yesu we nyene avuga ku mubatizo, ukaraba igituma ukwiye kubatizwa, ukaraba n’ingene wobatizwa.
C : Mbega nyene Yesu avuga iki ku mubatizo?
M : Muri Matayo 28:19, avuga ati: “Gende rero, muhindure amahanga yose abigishwa,mubabatiza mw’izina rya Data, n’iry’Umwana, n’irya Mpwemu Yera”.
C : Namba rero ari ivyo gusa umubatizo wanje ni uw’ukuri kuko nibaza ko uwambatije yabikoze yisunze uwo murongo.
M : Ariko ukwiye kumenya ko Bibiliya ivuga mu 1 Petero 3:21 ko umubatizo ari isezerano ry’umutima utagira ikibi usezerana ku Mana, akaba ari wo udukiza natwe, kubera izuka rya Yesu Kristo. Rero, kiretse noba nihenze, nibaza ko ku myaka ibiri wari ufise, ntivyashoboka na gatoya ko hari isezerano iryo ari ryo ryose wari ushoboye kugira kandi Bibiliya nta na hamwe ivuga ko uwundi muntu ashobora gusezerana mu kibanza c’iwawe kuko agakiza ni ako ku giti c’umuntu ubwiwe.
C : Rero si amazi yeza umuntu?
M : Oya na mba, amazi ntashobora kweza na mba no mugihe ca Yohana ntavyo yashobora, urashobora gusoma muri Matayo 3:7-9 ko igihe Yohana yabona abafarisayo n’abasadukayo baza mu mazi, yababwiye ko nyabuna bakwiye kwama ivyamwa biberanye n’ukwihana bakareka kwibwira mu mitima ko bifitiye sekuruza Aburahamu. Ivyo birerekana ko naho baja mu mazi ata guhindura umutima, ata co vyari bimaze.
C : None umuntu ntashobora kugira iryo sezerano atabanje kubatizwa ?
M : Oya Corinne, umubatizo si ikintu wewe ukora wishakiye ni itegeko ry’Umwami Yesu kandi uvyanse uba ugararije. Kandi umubatizo utegerezwa gukorwa kurya nyene Yesu yabitegetse… aha ngomba kuvuga mu mazi menshi kuko namba ugomba gukwirikira Umwami, ukwiye kumukurikira mu nzira yiwe yose.
C : Ego ivyo ndavyumva, ariko kugeza ubu nturansobanurira ahava ivyo bizazane kudahuza hagati y’umubatizo ugizwe mw’izina rya Data, n’iry’Umwana, n’irya Mpwemu Yera n’uwugizwe mw’izina rya Yesu.
M : Ibizazane vyavuye ku kugene intumwa zigishije uwundi mubatizo kandi Yohana yari yaramaze kubabatiza, Yesu amaze gusubira mw’ijuru. Abantu ntibatahura igituma bakwiye gusubira kubatizwa ubugira kabiri ni co gituma rimwe na rimwe igihe intumwa zahura n’umurwi mushasha w’abizeye, zababaza ziti: « Mbega ni uyuhe mubatizo mwabatijwe ? » Ni co gituma intumwa zavuga umubatizo wa Yesu kugira abizeye batahure itandukaniro riri hagati y’uwa Yesu n’uwa Yohana.
C : None rero kubwawe, uwabatirijwe mw’izina rya Data, n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera akabatizwa no mu mazi menshi yarumviye itegeko rya Yesu?
M : Ni vyo …. kiretse hamwe Bibiliya yawe yoba ivuga ukundi muri muri Matayo 28: 19.
C : Namba rero biri uko, nkwiye gukurikiza itegeko ry’Umwami Yesu. Imbere y’uko ugenda nari mfise ikibazo ku vyerekeye ubutumwa basiguye ku wa Mungu mw’isengero : Bavuze ko umukristo yavutse ubwa kabiri ari icaremwe gishasha ariko nashaka gutahura ico mu vy’ukuri bivuga «Icaremwe gishasha»
M : N’ivyo na vyo nzobigusobanurira ariko bizoba muri Guigoz 4


 

GUIGOZ 4


C : Sintahura igituma Bibiliya ikoresha ijambo «Icaremwe gishasha» kandi witegereje ubona ko umuntu aguma ari ca kiremwa ca kindi nyene.
M  Ubwa mbere igihe bavuga icaremwe gishasha, ni imvugo y’impwemu kandi
Bibiliya ivuga mu 2 Ab’i Korinto 5:17, ko iyo umuntu ari muri Kristo aba ari icaremwe gishasha. ibintu vya kera biba vyahavuye; vyose biba bicitse bishasha.
C : Ugomba kuvuga rero ko umuntu ategerezwa guhinduka?? Bisobanure neza…
M : Mu Abaroma 12:2, intumwa Paulo ategeka abakristo ngo ntibishushanye n’ivy’iki gihe, ariko ngo bahinduke rwose mu kugira imitima misha, kugira ngo bashobore kumenya neza ivyo Imana igomba, ari vyo vyiza, bishimwa kandi bitunganye rwose
C : Mbega isano riri hagati y’uguhinduka n’ukumenya ivyo Imana igomba ni irihe?
M : Soma witonze uwo murongo, uguhinduka ni ibivuye mu kugira imitima misha kandi aho ni ho hari urupfunguruzo.
C : None rero ugomba ko tuvuga ukugira imitima misha tukareka uguhinduka ?
M : Oya Corinne, igihe umutima wawe ubaye musha, ni ngombwa ko n’impwemu yawe ica ihinduka kandi kuva uwo mwanya ushobora no kwumva ijwi rya Mpwemu Yera kugira ushobore gutegera neza ivyiza ivyo ari vyo, n’ibishimwa kandi bitunganye.
C : Mbega ni iki cobuza ko imitima yacu iba misha?
M : Kandi n’ubu nyene nsubira kukurungika mu Abaroma 12:2 kugira ngo ubone ingene Paulo yatanguye uyo murongo: Yavuze ati: «Ntimwishushanye n’ivy’iki gihe»
Umukristo yavutse ubwa kabiri ntategerezwa kwivanga n’imigenzo y’iki gihe ari yo si. Akwiye ahubwo kwitwara nk’uko ijambo ry’Imana rivuga kugira ubwenge bwiwe bunaguke, Mpwemu Yera na we ashobore kumuhindura aho ni ho azoshobora kumenya neza ivyiza ivyo ari vyo, bishimwa kandi bitunganye.
C : Aho uba ugomba kuvuga iki ngo kwishushanya n’ivy’iki gihe kandi umuntu yohinduka gute ?
M : Uguhinduka ntikugira itegeko kugirako, igihe umuntu amaze gukizwa, aca ava mu kugene ibintu bisanzwe bigirwa agaca yinjira mu rundi rugezo, ibintu vyose birahinduka : imvugo, ivyiyumviro, imigambi, abagenzi, … Si wewe uba uciyobora wewe nyene, Mpwemu Yera ni we aba akuyobora, aha ngomba kuvuga ko utaba ugikora ico wewe ubona ko ari co kikubereye ciza ariko utegerezwa kwisunga ubugombe bw’Imana. Kwisunga ivy’iki gihe ni kwo kwisunga ivy’iyi si… Ni nk’umuntu aba ariko aratamba akwirikiza umudiho w’umuziki.
C : Aho ushaka kuvuga kujana n’ibigezweko?
M : Mu buryo bumwe novuga nti Egome. Ni co gituma Yesu yise Satani umwami w’iyi si muri Yohana 14 :30 kandi hariho abakristo bamwe bakurikira ingendo y’umwami w’iyi si ari we Satani ariko bo batabitahura.
C : None ngira nabi kwambara amajipo magufi magufi ? None coba ari icaha kwambara amakanzu magufiya nk’uko bamwe bahora babivuga ?

M : Bibiliya nta rugezo rw’amajipo itanga ; igihe yandikwa ntayariho ariko aha ico intumwa igomba kuvuga mu Abaroma 12 :2, ni uko abakristo badakwiye gukwegwa n’isi ahubwo ni abakristo bakwiye gukwega isi. Ariko ikintu nkwiye gushimikirako cane , ni uko umwana w’Imana akwiye kwifata kandi akambara nk’umwana w’Imana agahesha Imana icubahiro kandi ntabe ibuye ritsitaza mwene Se ni na co gituma Paulo yavuze mu Abaroma 14 :13 ati Hoye kugira ushira igitsitaza canke ikigwisha imbere ya mwene Se. Kandi ntiwibagire ko Yesu yavuze ko turi umuco w’isi.
C : Ni co gituma rero dutegerezwa kwiyubara ico abandi batwiyumvirako ?
M : Corinne, Bibiliya idutegeka kwiyubara abandi kubw’urukundo rw’ Imana ariko kandi si ukuvuga ko umuntu ategerezwa kuba imbohe y’abandi. Yesu avuga muri Matayo 5:16 « Abe ariko umuco wanyu uboneshereza imbere y’abantu, kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza bahimbaze So wo mw’ijuru »  N’ intumwa Petero na yo nyene ivuga hafi co kimwe n’ivyo nyene mu 1 Petero 2:12 mu kudutegeka ko dukwiye kugira ingeso nziza mu banyamahanga kugira ngo na bo babone ibikorwa vyiza baheze bahimbaze Imana
C:  Mike, hariho aho wamye umbarira ivy’uguhinduka, wavuze ivyo guhindura abagenzi … Urashobora kubimbwira mu buryo burambuye ?
M : Egome ariko ni muri Guigoz 5


GUIGOZ 5


C : Mike, Abagenzi banje bose nta n’umwe arakizwa kandi na cane cane ni bo twahora tujana muri bwa bubare bwo mw’ijoro tukarara turatamba ;ariko maze guha ubugingo bwanje Yesu, ntitukijana gutembera ariko tuguma dukundanye ariko sinshobora kubahindura kandi numva ko ntashobora kubaheba.
M : Icambere co nokubwira, ni uko wewe udashobora kubahindura kuko ico gikorwa ari ica Mpwemu Yera ariko ico wewe ushobora kugira, ni ukubabwira ubutumwa bwiza no kubasengera.
C : Erega aho Mike ntiwishuye ikibazo canje !Nakubajije ko nkwiye kubaheba canke ko ntakwiye kubaheba.
M : Ubwa mbere ukwiye kwiga ico Bibiliya ivuga ku bagenzi babi : Mu 1 Ab’i Korinto 15:33, handitswe ko kubana n’ababi kwonona ingeso nziza. Ukwiye rero gutoranya abagenzi kugira ngo wirinde abagenzi babi bohava batuma wononekara nawe.. Kandi nipfuza ko wokwugurura Bibiliya yawe  ugasoma Zaburi 1:1-2
C : « Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, adahagarara mu nzira y’abanyavyaha, aticarana n’abacokoranyi, ariko ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kandi ivyagezwe vyiwe ni vyo ashirako umutima ku murango no mw’ijoro. !»
M :  Nk’uko rero ubibona ikibi ni uguhagararana n’ukwicarana n’abagenzi atari abizera kandi ukagendera munama zabo. Ivyo ntibivuga ko udategerezwa kugira abagenzi atari abizera ; ariko utegerezwa kugaba ko ukora ivyo bakugira inama, ukwiye kugaba ku ngeso zabo, ku bikorwa vyabo, ahubwo abe ari bo babona muri wewe icubahiro c’Imana. Ariko mu gihe ubona ko ubugenzi bwabo bugushira kure y’ijambo ry’Imana canke bukagutuma ukora ibidahimbara Imana, aho rero ukwiye guca uvavanura n’imigenderanire yabo kuko Bibiliya ivuga muri Matayo 5:29 ko n’iyo ijisho ryawe ry’iburyo ryagutsitaza, urinogore, urite kure; wopfuma ubura urugingo rumwe rw’ umubiri wawe, hako umubiri wawe wose wotabwa muri Gehinomu.
C : Ndazi umuhungu umwe w’imyaka 17 aheruka gukizwa vuba ariko arafise ingorane ihambaye ivuye kuri se wiwe kuko aranka cane rwose ubutumwa bwiza.Ntashaka kubona uwo muhungu wiwe afise Bibiliya, ntagomba kumwumva ariko arasenga, kuri we ni nk’uko yoba yabuze umwana, kuko uyo muhungu amubona nk’uko yoba yarapfuye. Ivyo yabimbwiye ejo bundi kandi vyaboneka ko yihebuye kandi sinzi uko nomufasha. None nomubwira gute ?
M : Uramubwira ko Yesu yavuze muri Matayo 10:34-36 ko ataje kuzana amahoro mw’isi ariko yazanye inkota. Kandi abansi b’umuntu bazoba abo mu nzu yiwe. Ushobora kandi kumuremesha mu kumwereka amajambo yo mu 1 Petero 2:19 amubwira ko ikinezereza Imana ari uko umuntu ahanuwe n’ijwi ryo mu mutima, yokwihanganira imibabaro ahorwa ubusa. Cane–cane umubarire ko yokwihangana, kandi agasengera se ; ikiruta ivyo ntamwanke ariko arengere ikibi agitsindishe iciza.


 

GUIGOZ 6

C :Mike, ndafise umuhungu umwe dukundana kandi turakundana cane ariko ntagomba kwihana; nashaka kumenya ko nkwiye kumuheba canke ko ntomuheba.
M : Sinumva ico ushaka kuvuga igihe uvuga ngo kumuheba.
C: : Eee!Aha nshaka kuvuga ko ari kuvavanura mu buryo dusanzwe dukundanamwo.
M : Corinne, nari narabikubwiye wa musi, igihe umuntu ari muri Kristo aba ari icaremwe gishasha. Ibintu vya kera biba vyahavuye, vyose biba bicitse bishasha. Rero ko ubu uri icaremwe gishasha, utegerezwa kwirinda imigenderanire yose yo gushira kure y’ijambo ry’ Imana.
C : Ariko urazi ko ndamukunda cane?
M : Sindakubwiye ngo ni umwanke ariko umusengere kugira ngo na we ashobore kwakira Yesu naho anana cane kandi umenye ko agakiza ari ako ku giti ca muntu ubwiwe. Kandi n’urubanza na rwo nyene ni uko nyene.
C : Nashaka ko tuguma turi abagenzi ariko igihe cose ndi kumwe na we, nca nama nagize ikigeragezo co gusubira kurwa muri ca caha.
M : Bibiliya ntidusaba ngo tunigane n’ ubushakanyi, ariko idusaba ngo tubuhunge. Urashobora gusoma mu 1 Ab’i Korinto 6:18: « Hunga ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora si ic’umubiri ; ariko uwugira ubushakanyi, we aba acumuye ku mubiri wiwe. » Urabona rero ko Paulo ategeka guhunga ni ukuvuga kwirinda ico cose coguhuza n’ ikintu mu gihe gituma wumva ko harimwo akaga.
C : None ni ko bigenda kuri bose?
M : Mbega urazi ? Mu mubiri wa Kristo, hariho bamwe bakomeye cane n’abandi b’abanyantege nke cane nk’uko ushobora kubisoma mu Abaroma 15:1, n’abandi bafise ukwizera gukomeye gusumba abandi aho rero wari ukwiye kureka kwigereranya n’abandi. Ariko ingingo nziza ni uko wovavanura n’ico cose cogukwegera mu caha.
C : Ugomba rero kumbarira ko ntashobora kurongorwa n’umugabo atavutse ubwa kabiri ?
M : Ego cane ! Bibiliya iravyiyamiriza cane yivuye inyuma; urashobora gusoma mu 2 Ab’i Korinto 6:14, uzobona ko ata sano na ritoya riri hagati y’umuco n’umwijima. kandi Bibiliya iravuga mw’ Itanguriro 2:24 ko umugabo n’umugore baba umubiri umwe aho na ho wa mubi akaba aronse urugi yinjiriramwo kuko mwari mukwiye kumugwaniriza hamwe.
C : Mu bubakanye naho ari abapagani hanyuma umugore agakizwa umugabo na we akaguma yibereye umupagani ?
M : Bibiliya irabifise ko insiguro itomoye neza cane : Uzosoma mu 1 Petero 3:1-2 ko umugore w’ umukristo ashobora kwigarurira umugabo wiwe mugihe uyu atumvira ijambo ry’Imana mu kumugamburukira no kumwereka ingeso nziza. Bibiliya ivuga  ko umugabo w’uyo mugore azoreshwa n’ ingeso ziwe zitunganye zifatanije n’ugutinya ;.ariko ikigeretse kuri ivyo ni uko umugore yosengera cane umugabo wiwe.
C : Mbwira ; mbega biremewe ko umukristo yahukana ?
M : Oya, uzosoma muri Matayo 19:9 ko Bibiliya itarekurira umugabo kwirukana umugore wiwe ngo aheze yabire uwundi kiretse amuhoye ubusambanyi.
C : Yooo ! None ko bitoroshe!
M : Igihe wiyumviriye nk’umuntu, birakomeye nyene; ariko igihe ivyo ubirekeye mu maboko y’Imana uzobonamwo umugisha mwinshi. Reka kandi nongere ndakwibutse ko urupfunguruzo rwa vyose ari amasengesho.
C : Umbwira kenshi ibijanye n’amasengesho, mbega hoba hari uburyo bunaka bwo gusengamwo canke umuntu arashobora kwiga gusenga?
M : Egome cane! Ariko uzobisanga muri Guigoz 7


GUIGOZ 7


C : Mike, wambariye ko umuntu ashobora kwiga gusenga ariko hariho abakristo batavuga nk’uko !
M : Urashobora kuzingurura Bibiliya yawe muri Luka 11:1-4, urabona ko abigishwa basavye Yesu ngo abigishe gusenga nk’uko Yohana yavyigishije abigishwa biwe ; hanyuma Yesu yaraberetse ingene bakwiye gusenga.
C :  Ihiii !Ariko ndazi isengesho rya « Data wa twese » ku mutwe kandi ndarivuga imisi yose mu gitondo.
M : None bigutwara iminuta ingahe kugira urivuge ?
C : Nibaza ko ari nk’umunuta umwe gusa.
M : Corinne, nagira nkubarire ko twaremwe mw’ishusho y’Imana kandi mu gihe dusenga, impwemu yacu ivugana n’impwemu y’Imana. Umutima w’Imana urakeneye amasengesho yacu ; kandi kurya uba ugomba kumarana umwanya munini n’umuntu ukunda, umenye ko ari ko Imana igomba kumarana umwanya munini nawe mu gihe uriko urasenga.
C : None umuntu yomara iminuta ingahe ariko arasenga kugira ahimbare Imana ?
M : Ico nzi co ni uko umuntu akwiye kumara umwanya munini imbere yayo ; ariko hamwe usomye muri Matayo 26:40, uzobona ko igihe Yesu yagomba kumara umwanya ariko arasenga ari kumwe n’abigishwa biwe, amaze kubona ko basinziriye,  vyaramutangaje cane aca abwira Petero ati : « Ubwo ntimurushe mubana maso nanje n’isaha n’imwe ? »
C : None ivyo vyoshoboka gute ko womara isaha  uriko urasenga ukivuga iryo sengesho rya Data wa twese ?
M : Ukwiye kumenya ko, iryo sengesho rya « Data wa twese » ari ikigereranyo Yesu yatanze kugira ngo yereke abigishwa biwe ingene bosenga kandi akarongo kamwe kose gafise insiguro yako. Nk’akarorero urabona ko Yesu yatanguye avuga ati: «  Igihe musenga, muvuge muti : Data wa twese ! Izina ryawe ni rishemezwe »
C : None ni kuki yatanguye gutyo ?
M : Kuko Uhoraho avyagira mu mashimwe kandi Bibiliya ivuga muri Zaburi 100:4 ko dukwiye kwinjira mu marembo y’Uhoraho turiko tumushemagiza, tuje mu nyubakwa ziwe tumuhimbaza n’indirimbo. Dukwiye gutanguzanya isengesho no gushemeza Uhoraho kandi twubashe izina ryiwe kandi Bibiliya irerekana ahantu henshi ko mu mashimwe harimwo ubushobozi bwinshi.
C : None woshobora kumpa akarorero muri Bibiliya aho Imana yerekanye ububasha bwayo kubera amashimwe ?

M : Ni uzingurure mu Vyakozwe n’Intumwa 16:23-26. Paulo na Sila bari bapfunzwe bazira ijambo ry’Imana bari bababoshe n’iminyororo baca bashiraho n’umuntu wo kubacunga kandi imiryango yose y’ibohero yari yugaye rwose. Nko mu gicugu, Paulo na Sila bariko barasenga baninahaza Imana, kandi n’abandi banyororo barabumva. Bibiliya ivuga ko bukwi na bukwi, isi ica iranyiganyiga bikomeye, ku buryo amatanguriro y’inzu y’ibohero anyiganyiga ; ako kanya , inzugi zose zikuguruka, iminyororo yari iboshe abapfunzwe bose iravudagurika. Ukwiye rero gutahura ko, ubwo bubasha ko bwabonetse kubera kuninahaza Imana kwa Paulo na Sila.
C : Iyo minyororo yari ibaboshe bisobanura iki ?
M : Iyo minyororo n’ayo matanguriro y’inzu y’ibohero bimeze nk’ububasha bwa wa mubi ; ariko igihe dutazira Imana, naho vyoba bimeze nabi, ica irekura ububasha bushobora kwugurura inzugi zari zugaye.
C : Mbega umuntu yokwisonzesha ryari ?
M : Nk’uko nakubwiye wa musi, umwana w’Imana akwiye kurongorwa na Mpwemu Yera. Hariho bamwe bisonzesha kugira baje ahiherereye bamare umwanya bariko barasenga hakaba n’abandi bisonzesha kuko baba babona ko baba babangamiwe n’ububasha bwa Satani.
C : Erega nagira ngo iyo umuntu yambaje izina rya Yesu, impwemu mbi zose zica zihunga ?
M : Ivyo wiyumvira ni vyo ariko impwemu mbi zose ntizikora mu buryo bumwe kandi ntizinana mu buryo bumwe. Ni na co gituma umusi umwe abigishwa batashoboye gusenda impwemu mbi imwe hanyuma Yesu akabasobanurira ko impwemu nk’iyo ikurwamwo n’ugusenga bo n’ukwisonzesha. Uwo murongo uzowusanga muri Matayo 17:21.
C : None ni kuki amasengesho amwe-amwe atishurwa?
M : Uzobitahura muri Guigoz 8


 

GUIGOZ.8

C : Bwakeye Mike, n’ubu ndacakeneye kumenya igituma amasengesho yanje amwe-amwe atishurwa kandi nasomye muri Matayo 21:22 ko ivyo tuzosaba vyose dufise ukwizera tuzobihabwa. Nakoresheje ukwizera, nasenze mw’izina rya Yesu, ariko sindishurwa. Nagomba menye igituma koko.
M : Mbega urazi Corinne, hariho amasengesho amwe-amwe atishurwa koko kubera abatewe n’ukwipfuza kw’umubiri. Ni co gituma handitswe muri Yakobo 4:3 « murasaba ntimuhabwa, kuko musaba nabi kugira ngo muvyononere mu bibahimbara » Hari aho dusanga turi ahantu tugomba ko Imana itugirira ivyo twipfuza vyose.
C : Erega nagira ngo ni vyo Yesu yavuze muri Yohana 14:13 ko ico tuzosaba cose mw’izina ryiwe, azokiduha ! Nipfuza rero kumenya igituma koko.
M : Mbega woshobora kuzingurura Bibiliya yawe ugasoma mu 1 Yohana 5:14-15?
C : Kandi ubu ni bwo bushizi bw’ubwoba dufise kuri yo ni uko iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’uko igomba, iratwumva. Kandi iyo tuzi yuko yumva ico dusavye cose, turamenya yuko dufise ivyo twayisavye.
M : Ndagusavye wihweze neza iyo mirongo ibiri kuko ari yo rupfunguruzo rwa vyose. Ubwa mbere kugirango Imana itwumve, ni uko isengesho ryacu ryoba rimeze nk’uko Imana igomba ! Kugeza aho ngira turi kumwe?
C : Neza cane !
M : Iyo rero tuzi ko Imana itwumva, ntidukwiye kwizigira ko tuzoronka ico kintu dusavye, ariko Bibiliya ivuga ko tuba tumaze kuba tugifise.
C : None rero namba ndagutahura neza, ni ukuvuga ko Imana iba isanzwe ifise umugambi ku vyerekeye ivyo dukenera ?
M : Ego cane
C :None namba ari uko wumva bimaze iki dutegerewa gusenga? Namba iba yamaze gutegura vyose, umuntu yotegerezwa kuyireka ikavyikorera vyose!
M : Bibiliya ivuga mu Abanyefeso 2:10 ko turi ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo. Ivyo ni vyo vyitwa: UMUGAMBI W’IMANA. Imana ifise imigabo n’imigambi vy’amahoro n’amahirwe kuri twebwe nk’uko vyanditswe muri Yeremiya 29:11.
C : None ni,kuki yemera ko ivyo vyipfuzo binyuranye n’imigabo yayo biba mu mitima yacu?
M : Ni kuko utarashika rwose ku kubambanwa na Kristo. Paulo avuga mu Ab’i Galatiya 2:20, ko yabambanywe na Kristo kandi ko atari we ariho ariko ko ari Kristo ariho muri we.Umwana w’Imana ahubwo yarakwiye kurondera kumenya ibihimbara Imana agahamba ivyipfuzo vyose vy’umubiri
C : Ewe Mike, jewe simbona ingene nzohava nsengera ikintu ntumva ko mu mutima ndagishaka; nta n’ingoga numva nonagira zo kukirindira.


M : Ntuzoshobora kumenya icipfuzo gihwana n’ubugombe bw’ Imana mu gihe umutima wawe utaraba musha; kuko niwibuke ko Paulo mu Abaroma 12:2 avuga ko umutima wawe ukwiye kuba musha kugira ngo ushobore kumenya neza ivyo Imana igomba ivyo ari vyo
C : None umuntu yokora iki kugira abishikeko?
M : Ukwiye gusenga kugira ngo Mpwemu Yera aguhe umutima musha kandi kugirango ashire mu mutima wawe ivyipfuzo bihwanye n’ubugombe bw’Imana.
C : Mbega hamwe umuntu asengeye ikintu kidahwanye n’ubugombe bw’Imana mu gihe aba asanzwe atazi ico Imana ishaka, vyoba ari icaha?
M : Oya na mba! Ariko igihambaye cane ni ukwama witeze kwakira ubugombe bw’Imana kuko ari yo izi neza ivyokubera vyiza kandi bitunganye kugusumvya.
C : Ariko ga Mike, mbega Imana yoshobora  kwemera ko ikintu gishika kandi kidahuje n’ukugomba kwayo?
M : Egome! Hari aho bishika cane-cane mu gihe umuntu agomba yuko ico asaba ategerezwa kukironka. Ariko igihe bigenze uko, uzokwame witeze ingaruka zavyo.
C : Woshobora kumpa akarorero muri Bibiliya?
M : Mu migabo y’Imana, ntiyari yarategekanije ko Abisirayeli boronka umwami; ariko kubera ko ihanga ryayo ryayigobereye, Imana yaruhiye kubaha umwami ariko ibagabishije ku ngaruka zavyo. Urashobora kubisoma mu 1 Samweli 8.
C : Mbega ku vy’umwanya wo kwishurwa kw’isengesho wo bimeze gute?
M : Uzoronka inyishu muri Guigoz 9


GUIGOZ.9

C : Bwakeye Mike, jewe ndafise mukurwanje, afise imyaka 32, yarahejeje amashuli kandi ubu arakora. Afise isezerano Imana yamuhaye haraheze imyaka ine, ko azogenda muri Amerika kandi ko ari yo azohurira n’umugabo azomurongora. Imyaka irahera ata rugi ruruguruka, aramaze gucika intege kandi no muvy’ impwemu agenda adendebukirwa. None wewe uvyiyumvirako iki?
M : Ikiboneka ni uko we adatahura ivyerekeye IGIHE C’IMANA. Imana ntaho yigera icererwa kandi ntaho yigera itangura hataragera. Mu Umusiguzi 3:11 handitswe ko Uhoraho akora ikintu cose ciza mu gihe caco. Ingorane dukunda kugira ni uko hari aho usanga dushaka guhutagiza Imana turavye twebwe umwanya wacu kandi nayo yifitiye umwanya wayo.
C : None arashobora guhusha uwo mugisha wiwe kandi biri mu mugambi w’Imana?
M : Arashobora guhusha neza cane uwo mugisha wiwe kandi ivyo vyama vyabaye mu gihe umuntu afise isezerano hanyuma akagomba kurihutagiza ngo rishike.
C : None yorihutagiza gute ngo rishike?
M : Mu gihe yogira uko ashoboye kose kugira ashike muri Amerika naho yoba akwiye kurondera impapuro zitari mu mategeko kugira aronke ubwo burenganzira ...
C : None Imana yovyemera ko agenda mur’ubwo buryo?
M : Igihe akomeje kwihambira, birashoboka ko yogenda; ariko wibuke ko bizoba bibaye imbere y’igihe c’Imana kandi ubwo buryo buba bubaye nk’ubusuma kandi aho agategerezwa kuzitega inkurikizi nka kumwe vyamera kuri ba bantu b’Abisirayeli mu gihe bihambirira kuronka umwami. Azoshobora gushikayo bitagira umuhezagiro w’Imana. Kandi ndabisubiyemwo, Imana ntikora ikintu mu gihe twebwe tuba twiyumvira ko ariho bikwiriye ariko ikora ikintu cose ciza mu gihe caco. Kandi unyumve igihe c’Imana gishitse, Imana ni yo ica ibikora yo nyene ubwayo. Irarungika abamarayika bayo kandi imiryango izokwiyugurura ata ngorane ihabaye. ... ingorane nkuru ihagaze mu kurindira wihanganye kandi uriko urabisengera. Ariko igihe c’Imana kigeze, ni nka kurya ufyonda kuri buto, itara rigaca ryiyatsa ryo nyene.
C : Imbere y’uko ugenda banza umbwire ico wiyumvira ku bavuga ko Satani ashobora kubuza imigisha y’Imana.
M : Jewe novuga gusa ko ari ukubera batazi Ububasha bw’Imana kandi na cane cane kuko batazi na gatoyi ibirwanishwa dukoresha; kuko Bibiliya ivuga mu 2 Ab’i Korinto 10:4 ko ibirwanishwa vy’intambara yacu atari ivyo mu buryo bw’umubiri; ariko kubw’ Imana bifise ububasha bwo gushingura akarimbi kandi igihe turwanije wa Murwanizi azoduhunga nk’uko tubisoma muri Yakobo 4:7. Imana iguhezagire tuzosubira guhura muri Guigoz 10.


 

GUIGOZ.10

C : Mike, reka dusubire kuri ca kibazo ca mukurwanje; naratahuye neza ko Imana ikora ikintu ciza mu gihe caco ariko namba yoshobora kumpezagirira muri Amerika, ishobora no kumpera iyo migisha nyene mu Buraya canke no mu Burundi kuko isi ari iyayo simbona rero igituma umuntu yotegerezwa kuyigerera ahantu kanaka honyene.
M : Nk’uko wamaze kubitahura ko ikora ikintu ciza mu gihe caco, ukwiye rero no gutahura ko igikorera n’ahantu hayo.Dukwiye kwemera kuja aho Imana igomba ko tuja kugira dushobore gukora ibikorwa vyayo ivyo yari yaraheraheje uhereye ku kuremwa kw’isi nk’uko tubibona mu Abaheburayo 4:3
C : Gerageza ubinyereke ukoresheje Bibiliya kuko ivyo ni ingira kamaro cane kuri jewe.
M : O.K, zingurura Bibiliya yawe mu 1 Abami 17:1-16. Ubwa mbere Imana yategetse Eliya kugira ave aho yari ari hanyuma agende yerekeje i Burasirazuba iruhande y’akagezi Keriti gatumberanye na Yorodani. Ico gihe hari haratse uruzuba rwinshi ariko Imana yaremeje Eliya ko azonywa ku mazi y’uwo mugezi, kandi ko yategetse ibikona kumugaburirirayo. Gushitsa ubu turi kumwe?
C : Ego aho ndabona ko Imana yatomoye neza ku vyerekeye ahantu ariko sintahura ico ivyo bikona bisigura.
M : Ivyo bikona bigereranywa n’abamarayika Imana itegeka kugira ngo badushikirize imigisha.
C : Ni kuki ushimikira kuri iryo rivuga «gutegeka»?
M : Ni kubera ko ngomba kutahura ko abamarayika batakuzako kubera aba ari bo baguhisemwo, ariko ni kubera baba bategetswe. Igihe mvuga abamarayika mba ngomba kuvuga ico cose Imana ishobora gukoresha kugira igushitseko imigisha yayo kandi gishobora kuba ari abamarayika b’Imana, nk’uko bashobora kuba ari abantu buntu nk’umugenzi wawe, umwe wo mu muryango wawe, canke mbere hari naho ashobora kuba umuntu utanazi.
C : Biratangaje cane kubona ingene ibikona vyama bizanira Eliya inyama n’umutsima uko bukeye,kandi akama anywa amazi kur’uwo mugezi ; ariko ni kuki none ku murongo w’ 7 bavuga ko hageze igihe uwo mugezi ugakama ? Ni nk’uko Imana yoba yari yahagaritse ya migisha kandi Eliya yari ari aho Imana igomba ko aba ?
M : Uwo mugezi warakamye kubera ko igihe co kuba i Keriti cari giheze kandi Imana yagomba ko ahindura akaja ahandi.
C : Ni ukuvuga rero ko ahantu h’Imana birafitaniye isano n’igihe c’Imana ?
M  Ni vyo nyene, ukwiye kuba uri aho Imana igomba kuba uri kandi mu gihe Imana ibigombera. None iyo Eliya atumvira ijambo ry’Imana akagomba kwigumira i Keriti, unaretse yuko atari kuronka amazi kuko uwo mugezi wari wumye, yari kwicwa n’inzara kuko nta bikona vyari kubandanya bimuzanira ivyo kurya kandi ivyo ni vyo vyama vyadushikiye.
C : Kugira rero abandanye abaho yari akwiye kuva i Keriti ?
M : Oya, uburyo bwiza nti kwari ukuva i Keriti; ahubwo kwari ukuja aho Imana yagomba ko agenda.
C : Hari i Zarefati ?
M : Ni ho h’aho kandi soma umurongo w’9,  Uhoraho avuga ko yategetse umugore w’umupfakazi waho ko ari we azokwama amugaburira; kandi hamwe wosoma umurongo w’10, urabona ko uyo mupfakazi atari azi Eliya ariko Imana yari yamaze kumugera. Aho uratahura ico ngomba kuvuga?
C : Oyaye si neza ...
M : Ngomba ko utahura ko uwo mugore yagaburiye Eliya atari amuzi ariko yari yategetswe n’Uhoraho kugira ngo agaburire umukozi wiwe. Mu kubimugera, Imana yari yashize mu mutima wiwe icagezwe c’ uko ukwiye kumugaburira naho yari asanzwe atazi ko ariko abikoreshwa n’icagezwe c’Imana. We yibaza ko ariko aratabara Eliya nk’uko abandi bantu bose bashobora kwibaza ko bariko baragufasha mu buzima bwawe kubera ukugomba kwabo kandi baba babigezwe n’Uhoraho. Ukwiye kumenya ko iyo umuntu ategetswe n’ Imana ngo akugirire ikintu kinaka, ko ategerezwa kubikora atakugimira abigomba canke atabigomba, kandi Imana ishobora kumuha imigisha kugira ngo arangure ico cagezwe cayo.
   Imana ntiyigeze yemera ko ifu ribura canke amavuta ngo agabanuke kandi ubona ko ku murongo wa 12 uwo mugore yari yabariye Eliya ko yari afise agafu ko ku rushi mu gaseke n’utuvuta dukeya twa bo n’umuhungu wiwe hanyuma bagaca bapfa ; ariko naho vyari biri uko ntiyashobora kwankira Eliya kandi bidatumwe n’ikindi atari uko yari yabitegetswe kandi ivyo nta handi vyategerezwa kubera atari i Zarefati. Aho rero ni igikorwa cawe co gusenga kugira ngo umenye aho Zarefati yawe hari, aha ngomba kuvuga ko ukwiye kumenya kuba aho Imana igomba ko uba kandi n’igihe Imana ibigombera.


 

 GUIGOZ.11

C : Mike, jewe ndazazaniwe kuko hariho umuntu yambariye ko ni ntakorera Umwami, ikwizera kwanje ngo ntaco kumaze kandi nari nzi ko umuntu akizwa ku buntu no mu kwizera Yesu.!
M : Erega ico ciyumviro ca we ni ic’ukuri, twakijijwe ku buntu no kubwo kwizera Yesu ariko Bibiliya iravuga muri Yakobo 2:26 ko nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye ari ko n’ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye.
C : Namba ndabitahuye neza, uko kwizera ntaco kuba kumaze kandi ntabuzima kuba gufise ?
M : Ko Bibiliya yakoresheje iryo jambo « gupfa », nta kindi, inyishu ni Ego. Kandi ukwizera gupfuye kubora ku musi ku musi nka kurya kw’umubiri wapfuye. Mu ncamake vyose vyosigurwa n’umugani w’ « umusukoni w’ingumba » uri muri Luka 13:6-9. Ni usome witonze ico gice hanyuma umbarire ico uvyiyumvirako.
C : Nibaza ko uyo muntu yateye ico giti c’umusukoni mu ruzabibu rwiwe agereranywa n’ Imana, uwo musukoni na wo ugereranywa n’umukristo kuko ari we ategerezwa kwama ivyamwa, umukozi wo mu ruzabibu na we agereranywa na Yesu kuko ari we adutakambira, ariko ico ntatahura ni insiguro y’ibitabizo.
M : Ibitabizo bigereranywa n’ijambo ry’Imana. Nk’uko ubibona ku murongo w’7, shebuja yari ashavuye aca ategeka ko batema uwo musukoni kandi yaranabajije ati : « ugasarira iki aha hantu uhonona? »
C : None bisobanura iki « kugasarira ahantu ubusa » ? None ni kuki ukwiye  gutemwa ?
M : Igiti kigasarira ahantu ubusa kiba ari igiti kironka ibitabizo vy’ aho mw’ivu gicishije ku mizi, ugasanga amababi yaco ararembaganye, ukibona gifise ubuzima. Nyene uruzabibu yakoze vyose kugira ico giti kimererwe neza, ariko kimaze igihe kirekire kitama kiba gikwiye gucibwa kugira kibisire ibindi biti bishobora kwama ivyamwa.
C : None namba ari uko, ni kuki Imana irekeraho abakristo batama ivyamwa kandi ata co baba bayimariye ?
M : Ni kuko umukozi w’uruzabibu ari we Yesu yabatabarije nk’uko ushobora kubisoma ku murongo w’8, ariko kibandanije kugumbaha gushitsa igihe c’imbabazi kirangiye, kizocibwa nk’uko ushobora kubisoma ku murongo w’9.
C : Hamwe na ho umuntu abivuze atomoye ata gucisha mu migani, ni akahe kaga ko kuba umukristo ata bikorwa ukora mu gihe uba ukiriho ?
M : Ni umuvumo. Umuntu abaho ariko umuvumo, ni na co gituma Yesu yavumye wa musukoni wari utotahaje ibibabi gusa ariko utagirako ivyamwa muri Matayo 21:18-19 kuko yari ashonje …Corinne, ukwiye kumenya ko Imana igomba ivyamwa vyacu kandi ifise uburenganzira bwo kubidusaba. Ndasubiyemwo kandi, ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye


GUIGOZ.12

C : Bwakeye Mike, ndindiranye igishika cinshi ko unsobanurira ingene ukuduzwa kw’ ishengero mw’ijuru kuzogenda.
M : Ubwa mbere ukwiye kumenya ko Umwami ategerezwa kuzogaruka gutwara ishengero kandi yaratanze n’ibimenyetso vyerekana igihe co kugaruka kwiwe mw’isi. Ikindi kintu gihambaye, ni uko Umwami azoza kurya kw’igisuma nk’uko we nyene avyivugira muri Matayo 24:42-44, ni co gituma ukwiye kwama ugavye kuko ashobora kuza igihe ico ari co cose kandi hafi ibimenyetso vyose biramaze kuboneka.
C : Umusi umwe narabonye umuvugabutumwa umwe yari afise ubushobozi bwinsi cane, yarakiza abarwaye benshi mw’izina rya Yesu kandi agakora n’ibitangaza vyinshi ariko nibaza ko ubutumwa bwiwe ku bijanye n’ukuduzwa kw’ishengero mw’ijuru, kubijanye n’umubatizo n’izindi ngingo, zitandukanye n’ivyo wanyigishije ! Ariko ndakubwiza ukuri uyo muntu yavuye ku Mana ; atari uko na ho, none yoshoboye gute gukora ibitangaza nk’ivyo atari kumwe n’Imana kandi yaza mw’izina rya Yesu
M : N’ubundi ico ni ikimenyetso kimwe mu vyo Yesu yavuze. Yavuze muri Matayo 24:24, ko hazokwaduka abangushi biyita Kristo n’abigira abavugishwa n’Imana ; bazokora ibimenyetso n’ibitangaza bihambaye, ku buryo bazozimiza binashobotse n’abatoranijwe. Ubu rero uratahuye ko udakwiye gusamazwa n’ivyo bitangaza vyo gukiza abagwaye canke ibimenyetso kubera ko ari kimwe mu bimenyetso vyerekana ko Yesu ari ku rugi.
C : Rero mbona ko harimwo akaga gakomeye cane ! None umuntu yomenya gute ko umuntu kanaka ari umukozi w’Imana canke ko atari we ?
M : Uzobimenya mu gukurikira inyigisho ziwe usesangura ivyanditswe vyeranda kandi ivyo ukabikora ufashijwe na Mpwemu Yera.
C : Ubu na ho reka tuvuge ivyerekeye iduzwa ry’ishengero mw’ijuru ; mbega bizogenda gute ?
M : Bibiliya ivuga mu 1 Ab’i Tesalonike 4:15-18 ko Umwami wacu ubwiwe, azoza amanutse avuye mw’ijuru, aranguruye ijwi rirenga, n’akamo k’umumarayika, n’inzamba y’Imana maze abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka. Hanyuma abazoba bakiriho , basigaye,bazoca bateruranwa na bo mu bicu, basanganirire Umwami mu kirere, ni ho tuzokwama tubana n’Umwami
C : Mbega ni kuki, uvuga ku bazozuka ubwa mbere ? Hazobaho amazuka angahe ?
M : Hazoba amazuka abiri. Bibiliya ivuga mu Ivyahishuriwe Yohana 20 :5-6 ko abari mu mugabane wo kuzuka kwa mbere bahiriwe kuko ari bo bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza iyo myaka igihumbi. Ariko abari mu mugabane wa kabiri wo kuzuka, bazozuka inyuma y’iyo myaka igihumbi kugira ngo bacirwe imanza nk’uko mu Ivyahisuriwe Yohana 20:12 habivuga.
C : Mbega inganji y’imyaka igihumbi izoba mw’ijuru canke aha kw’isi ?None Yesu azoganza gute Satani ataracirwa urubanza ?
M : Yesu afatanije nabatoranijwe bazoganza kumara iyo myaka igihumbi bari kw’isi kandi kumara ico gihe cose Satani azoba aboshwe.nk’uko bivugwa mu Ivyahishuriwe Yohana 20 :2
C : Reka dusubire tuvuge gatoya ku bijanye n’iduzwa ry’ishengero mw’ijuru ; mbega kw’isi bizomera gute mu gihe Yesu azoba ajanye ishengero ryiwe mu kirere ? Kandi ivyo bizomara umwanya ungana iki ?
M : Bibiliya itubarira ko ari kumara imyaka 7. Ca gikoko ni ukuvuga umwe antikristo azoba afise ubushobozi bwo gukora kumara amezi mirogwine n’abiri nk’uko bivugwa mu Ivyahishuriwe Yohana 13:5-7 ni ukuvuga imyaka itatu n’igice. Bibiliya ivuga ko abanyamahanga bahawe gusiribanga igisagara cera kandi Imana izoha abayishingira intahe babiri ububasha bwo kuvugishwa na yo kumara imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu canke amezi mirogwine n’abiri (imyaka itatu n’igice) nk’uko bivugwa mu Ivyahishuriwe Yohana 11:2-3.
 Vyose hamwe ni ukuvuga ko bingana imyaka indwi, Inyuma yaho Umwami azoca azanana n’abatoranijwe kuganzanya nabo kumara imyaka igihumbi hanyuma inyuma yaho ni ho hazoca haba urubanza rw’imperuka.
C : Mbega urubanza rw’imperuka ruzomera gute ?
M : Umuntu wese azocirwa urubanza hakwirikijwe ibikorwa yakoze hano kw’isi ariko hazoba hariho igitabo c’ubugingo kandi umuntu wese atabonetse muri ico gitabo aca atererwa mu kiyaga caka umuriro (nk’uko vyanditswe mu Ivyahishuriwe Yohana 20:15). Rero ikintu cose dukora hano kw’isi kirandikwa mw’ijuru.
C : Hanyuma abavuga ko bazohora kur’iyi si ibihe bidashira na bo ?
M : Ivyo niyumvira yuko babivugishwa n’ubutamenya kuko Bibiliya iravuga ijuru rishasha n’isi nshasha; Urashobora gusoma mu Ivyahishuriwe Yohana 21:1, harya handitswe ngo: «kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye kandi ikiyaga nticari kikiriho»
   Kandi mu 2 Petero 3:10-12, bavuga batomoye ko amajuru azovaho hakaba ukwasana guhambaye, kandi isi n’ibikorwa biri muri yo bigashongeshwa n’umuriro. Umuvugishwa n’Imana yaravugishijwe na yo muri Yesaya 65:17 ko igira ireme ijuru rishasha n’isi nshasha kandi ivya mbere bitazosubira kwibukwa.
C : Urakoze cane Mike kuri izo nyigisho zose wampaye. Mpa umurongo wa nyuma!
M : Yakobo 1:22. Handitsweho uku: «Mube abakora ivy’iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha»
C : Turabonanye, Imana iguhezagire
M : Nawe iguhezagire ariko na cane cane uzosangire n’abandi ivyo uhejeje kwiga kandi ukomeze mu gusenga kuko iyo ari yo soko ya vyose.

MUHEJEJE GUKURIKIRA INYIGISHO GUIGOZ 1-12. GUHERA KU RUPAPURO RUKURIKIRA, MUCA MUKURIKIRA GUIGOZ 13-24


INYIGISHO GUIGOZ 1-12 ZIGENEWE CANE CANE ABANTU BAGIKIZWA N’UMUKRISTU WESE MURI RUSANGI


BIRAKWIYE CANE KO UMUNTU ABA YARASOMYE INYIGISHO ZA GUIGOZ 1-12 IMBERE YUKO ASOMA GUIGOZ 13-24