Inyigisho Guigoz 13-24 - Guigoz 14

Index de l'article

 

     GUIGOZ 14


C  :  Bwakeye Mike! Uribuka igihe giheze aho twatandukana nakubwiye ko mfise ikibazo kuvyo kuvuga mu ndimi nsha. Har’igihe nibaza ko nakiriye Mpwemu Yera canke ko ntaramwakira kuko na bugingo n’ubu sindigera mvuga mu ndimi nsha kandi mu masezerano nasomye muri Mariko 16:17 harimwo kuvuga mu ndimi nsha. Ivyo jewe biranzazaniye

M   :  Bibiliya iravuga neza ku vyo kuvuga mu ndimi nsha kandi koko, ni kimwe mu masezerano Yesu yavuze. Ariko ngomba k’utahura yuk’utazoronka amasezerano yose Yesu yasezeranye nkuk’udashobora kugira ingabire zose za Mpwemu, ahandi ho nakubajije ikibazo Pawulo yabajije Ab’I korinto ngo: “Kandi iyo zose ziba urugingo rumwe, umubiri wobaye hehe?” 1Ab’I korinto12:19. Intumwa Pawulo arabandanya mur’ico gice nyene ku murongo wa 30 ah’abaza ikindi kibazo ati: “Bose bafise ingabire zo gukiza indwara? Bose bavuga izindi ndimi? Bose basobanura indimi?” 1Ab’Ikorinto 12:30. Dufatiye kur’ivy’uratahura ko Pawulo avuga yuko bose badashobora kugira vyose ariko ko tugize umubiri wa Kristo, umwe wese yunganira uwundi

C : Ugomba kuvuga ko hariho itegeko kuvyerekeye kuvuga mu ndimi nsha kandi ko bishobora kwubaka umubiri wa Kristo?

M : Ego cane!Uzosanga inyishu y’ikibazo cawe muri 1Ab’I korinto14

C : Rero ushigikiye abavuga ko bidakwiriye kuvuga mu ndimi nsha mu makoraniro kuko bavuga ko bizana imivurungano ku bandi?

M : Sindabashigikiye ariko nizera ico Bibiliya imbwira muri 1 Ab’I korinto14:23: “Nukw’ishengero ryose, iyo rikoraniye hamwe, bose bakavuga indimi zitamenyekana, hakinjiramw’abatungu cank’abatizera, ntibovuga yuko mwasaze?”

C : Twasaze???

M : Pawulo yashaka ubugira kandi gushimangira ku kumenya ko mu mubiri wa Kristo dutegerezwa gukora ivyubaka abandi hakwishigikira mu nyungu zacu gusa

C : None.... inyishu nziza ni gute kugirango bikunde ko abandi bubakwa no kuvuga mu ndimi zitamenyekana?

M : Inyishu iri muri 1Ab’I korinto14:13 : “ Nuk’uvuga ururimi rutamenyekana asenge, kugirangw’ahabwe kubisobanura.” hamwe n’umurongo wa 16 havuga ngo: “Iy’ushimye Imana, ushimishije impwemu yawe yonyene, mbeg’uri ku ruhande rw’abatungu ashobora kuvuga ati Amen, ni waheza gushima kandi atamenye ic’uvuze?”

C : Ninaba natahuye neza, har’igihe Imana ishobora kuvugana n’ihanga ryayo icishije mu ngabire yo kuvuga indimi zitamenyekana?”

M : Egome ariko hategerezwa kubaho umuntu afise ingabire yo gusobanura indimi canke igihe uwuvuga mu ndimi nyene ashoboye gusobanura ivyo ariko aravuga

C : Bitameze uko, uwo muntu ategerezwa guceceka?

M : Ego cane!Ariko ni igihe ari kumwe n’abandi gusa mugabo ashobora gusenga mu ndimi ari wenyene I muhira hamwe n’Imana yiwe

C : Ariko kenshi umengo abakristo benshi birabananira kwigumya igihe hageze ko bavuga mu ndimi bikamera nk’umuriro udashobora kuzima?

M : Bibiliya iravuga mur’ico gice nyene yuko “impwemu z’abavugishwa n’Imana ziganzwa na bo.” 1Ab’I korinto14:32. Impwemu ihumanye gusa niyo idashobora gutekana kandi niyo iturubika ibayifise

C : Ariko Mike, umusi wa Pentekote, igihe Mpwemu Yera yaza ku ntumwa, baravuze mu ndimi bose kandi abantu bari ngaho barabumvise?

M : Bibiliya ivuga mu Vyakozwe n’intumwa 2:8 yukw’abari ngaho batahura ico intumwa zavuga kandi babumva umwe wese mu rurimi rwiwe rw’amavukiro kandi bari abagalilaya. Imana yashatse ko bumva ico intumwa zavuga kugirango icubahiro kiyigarukeko

C : Imana iguhezagire ku nsobanuro umpaye ku vyerekeye kuvuga mu ndimi nsha, ariko har’aho bishika nkadendebukirwa mu masengesho yanje kubera ibihe ndimwo kandi mvugishije ukuri, birashika aho ntashobora gusenga na gato nico gituma nashaka kumfasha nkava aho hantu

M : Egome, tuzobivugana muri Guigoz ya 15