Inyigisho Guigoz 13-24 - Guigoz 22

Index de l'article

  GUIGOZ 22

C : Bwakweye Mike,

M : Bwakeye Corinne,

C :Mike, numvise ubutumwa buvuga ko dukwiriye kwubaha abaganza n’abakuru mu ntwaro no kubasengera kuko bava ku Mana. None bova ku Mana gute kandi batashizweho n’abavugishwa n’Imana canke ni kuki dukwiriye kubasengera?

M : Ni vyiza, imbere ya vyose ni wugurure Bibiliya yawe usome mu Baroma13:1-2

C : “Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw’ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana. Ni co gituma ugabagabiye uganza aba agabagabiye icagezwe n’Imana: kand’abakigabagabiye bazoba bihamagariye gutsindwa n’urubanza” Mbega kw’atavyo narinzi na gato. Ni gute none muntu yobayarashizweho n’Imana mugabo akarenganya abandi?

M : Umuvugishwa n’Imana Daniyeli avuga kw’Imana ari yo ishinga abami muri Daniyeli2:21 kandi ngomba k’utahura yukw’avuga ku bami bisobanura abandi bami baganza ayandi mahanga atari Isirayeli. Mu yandi majambo bisobanura ko yavuga ku bami b’abapagani kandi nta nkeka ko basenga izindi mana ... uno musi twobigereranya n’abakuru b’ibihugu. Ukaba wizera kw’ijambo ry’Imana ar’ukuri, utegerezwa kwemera kw’atakuganza kutava ku Mana

C : Nyereka igice kivuga ko bikenewe cane gusengera abaganza?

M : Urashobora gusoma muri 1Timoteyo 2:1-3

C : “Irya mbere y’ibindi vyose, ndabahanura kwingingira abantu bose no kubasengera no kubasabira no kubashimira Imana: kandi cane-cane abami n’abashizwe hejuru bose, kugira ngo twame mu mahoro dutekereje, twubaha Imana tur’inyanka mugayo rwose. Ivyo ni vyo vyiza vyemerwa mu nyonga z’Imana Umukiza wacu.”

M : Uratahura ko hatavugwa abami gusa ariko n’abashizwe hejuru bose?

C : None mu kubasengera duca tubaho ubuzima butekanye? Ni kuki tutosaba Imana ishireho umuntu ayitinya kandi dusangiye ukwizera?

M : Corinne wibuke igihe nakubwira isengesho ryo mu mpwemu n’isengesho ryo mu mubiri. Jewe narabonye abakirisu mu gihugu runaka basenga Imana ngw’ikureho canke yice umukuru w’igihugu cabo kandi ivyo babitumwa n’umubabaro bafise arik’urazi kw’Imana idashobora kwishura amasengesho ben’ ayo. Igihe tuyisaba gukuraho ubutegetsi yashizeho ubwayo, ivyo bisobanura yuko tuba dusuzuguje uguhitamwo kwiwe bigasa n’aho tugomba kuyikosora. Birasabwa k’utahura yukw’ata kintu na kimwe Imana igira mu gucacisha, igihe dusengera abaganza, Imana irashitsa ubugombe bwayo kukw’ari yo ibaha ububasha bwose bafise kandi ni mur’ubwo bubasha nyene ishinga kandi igahindura abaganza bihwanye n’ubugombe bwiwe.

C : Rero mur’ico gihe si vyiza kubavuma?

M : N’ivyagezwe birabitubuza; Mu Kuvayo 22:28 handitswe ngo: “Ntihaze hagire uwurogota kuri jewe Imana, canke ngw’avume umukuru wo mu bwoko bwanyu.”

C : Ariko vyarashika aho Pawulo n’intumwa bashavura bagatuka abaganza bababuza kuvuga ubutumwa.

M : Corinne wibuke ko Pawulo n’intumwa bari biremwa muntu nka wewe na nje, kandi uzosanga kw’igihe cose bisanga mu makosa barihana canke bagasaba imbabazi

C : Urashobora kunyereka igice aho umwe mu ntumwa yitwaye nabi imbere y’umukuru yababuza kuvuga ubutumwa akabisabakw’imbabazi?

M : Urashobora gusoma mu Vyakozwe n’intumwa 23:3-5 aho Pawulo yatutse umuherezi mukuru amwita “urusika rukuyengejekw’ingwa” arikw’abari kumwe na we baciye bamumenyesha yuk’uw’atutse ar’umuherezi mukuru nawe yaciye yihuta gusaba imbabazi avuga yukw’atar’abizi kuko yamenyeko bibujijwe kuvuga nabi umukuru.

C :Hamwe n’ivyo mpejeje kwumva, ndatahuye ko ntegerezwa kwihana kuko binshikira nkavuga nabi abakuru kandi sinarinzi n’uko nategerezwa kuba ndabasengera

M : Birashobora kudushikako twese arikw’igihambaye n’ukwitahura vuba ugasubira mu nzira nziza kuk’uribuka kw’ijambo ryo mu Baroma13:2 ryatubwiyeko tubatwihamagariye urubanza twebwe ubwacu.

C : Ndagushimiye cane Mike, nzosubira kukubona muri Guigoz ya 23