Inyigisho Guigoz 13-24 - Guigoz 24

Index de l'article

 

 GUIGOZ 24


C : Bwakeye Mike, uno musi niko kubonana kwa nyuma kandi nkuko nabikubwiye ubuheruka, nkeneye inyigisho ku bumana bwa Yesu kuko sintahura ingene ashobora kuba Imana kandi hariho imirongo myinshi ya Bibiliya aho Yesu ubwiwe yita Imana “Data” kandi avuga kenshi ku vya Se ari mw’ijuru. Yesu ni yaba ari Mana koko, ni kuki yahamagara iyindi Mana?

M : Imbere ya vyose mbanje kukubwirakw’ari nyigisho ikeneye uguhishurirwa kudasanzwe kuva kuri Mpwemu Yera kuko nabonye abantu benshi igihe bahejeje gusoma imirongo yose yemezako Yesu ar’Imana, baguma batavyizeye neza.

C : Ariko Mike, niwe yivugira muri Yohana 14:6 kw’ari we nzira ukuri n’ubugingo kw’atawushika kwa Data atamujanye... mbega iyo nsobanuro ntikwiye?

M :Ni vyiza kumpa uwo murongo kukwaho ni ho duhera nyene. Ntugume ku murongo wa 6 gusa, manuka no ku wa 7 n’ukuvuga Yohana14:7 

C : “Iyo muba mwaramenye, na Data muba mu muzi.Uhereye ubu muramuzi kandi mwamubonye.”  Mike ugomba kuvugako yarikw’arababwira ko bamubonye, baba bamaze kubona Data?

M : Tubandanye buhoro buhoro, kandi ntuhagarare... soma 8 n’ukuvuga Yohana 14:8

C : “Filipo aramubwira ati mugenzi twereke So, bizoba bihaye.”  Ndumva bitanguye kuryoha kuko Filipo yagomba kubona Data mu kuvugana na Yesu!

M : Nakubwiyeko tubandanya buhoro buhoro kandi ntuhagarare, bandanya usome umurongo ukurikira n’ukuvuga Yohana 14:9

C : “ Yesu aramubaza ati mbega ko nabanye namwe igihe kingana girtyo, nturakaruha ummenya ga Filipo? Ubonye jewe aba abonye Data, non’uvuga ute ngo twereke So?” Nkuko tubibona Yesu aratangaye cane kubona Filipo atari bwabone Data! Bisobanura ko Yesu ubwiwe ari Data! N’aha ntivyoroshe gutahura!

M : Ntuhagarare kandi! Turangiriza ku murongo ukurikira n’ukuvuga Yohana 14:10

C : “Nti wizeye ko jewe ndi muri Data, na Data ari muri jewe ? Amajambo mbabwira s’ayo nigeneye, ariko Data aba muri jewe ni we akora ibikorwa vyiwe.” Ubu birasobanutse kuruta! Ariko Mike, mbega turashobora kwita Yesu “Alufa na omega, uwa mbere n’uw’iherezo” Izina ryitirirwa Uhoraho gusa nkuko tubibona muri Yesaya 44:6?

M :Ego cane urashobora gusoma ivyo Yesu yabwiye Yohana mu Vyahishuriwe1:17

C : “Ndamubonye ni kubita imbere y’inyundo ziwe nk’upfuye; maz’anshirak’ukuboko kw’iburyo, ati ntutinye; jewe nd’uwa mbere kandi nd’uw’iherezo.”
 Biratunganye! Mbega har’uwavugishwa n’Imana mw’Isezerano rya Kera yavugishijwe kuri Yesu amwita Imana?

M : Ego cane! Soma Yesaya 9:6 ( Mu ndime zimwe ni Yesaya9:5)

C : “kuk’umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukuma w’amahoro” .
 Nivyo nyereka igice kimwe aho intumwa yise Yesu “Imana yanje” Yesu akavyemera?

M : Soma Yohana 20:28-29

C : “Toma aramwishura, ati Mwami wanje, kandi Mana yanje.  Yesu aramubwira, ati Wijejwe n’uk’umbonye. Hahirwa abatarinze kubona yamara bakizera.”
 Vyose biratunganye ariko ngomba unyereke akarorero kamwe aho Imana ishobora kuba mu mwanya umwe Data, Mwana na Mpwemu Yera?

M : Ndazi umwigisha wa kaminuza muri Kongo, yigisha ibiharuro kandi agakora nk’umuyobozi mu ruganda rucukura ubutaka kandi ar’umupastori w’ishengero. Yakora ivyo bintu bitatu wenyene ariko kamere kiwe kaguma kakandi nyene... kw’ishengero,kuri kaminuza, no mu ruganda rucukura ubutaka yaguma ari wa muntu umwe nyene arikw’ivyo yakora ni vyo vyatandukana. Niko bimeze no ku Mana, ni Data, Mwana na Mpwemu Yera. Imwe rudende yigaragaza mu buryo butandukanye.

C : Mike urakoze cane kubwo kwihangana kwawe kandi nizera ko tuzozubira uwundi musi.

M : Nongeye kugusigira umurongo wo muri Yakobo1:22-24 utubwira ko tutoba abumviriza gusa ijambo ry’Imana ariko ko tworigendera.
            Nagasaga Corinne

C : Nagasaga Mike kandi Imana iguhezagire

  MUSHOBORA KUZIRUNGIKIRA ABANDI BENE DATA ARIKO NTIHAGIRE ICO MUHINDURA.

 MUFISE ICO MWUNGANIRA CANKE MUBAZA, MUSHOBORA KUTWANDIKIRA KURI:

 Chris Ndikumana
 BP : 343
 Bujumbura – Burundi
 
 E-mail : Cette adresse e-mail est protégée contre les robots spammeurs. Vous devez activer le JavaScript pour la visualiser.