Inyigisho Guigoz 13-24 - Guigoz 19

Index de l'article

      GUIGOZ 19


C : Bwakeye Mike, ejo wambwiye ko tuvugana ku yandi mabango, mbega ugomba ko   tuvugana kuyahe uno munsi ?

M : Eeeh… Mbega ntitwovugana ku Bigisha n’Intumwa ?

C : Neza cane ! Ndafise igishika co kumenya ivyerekeye Intumwa kuko womenga abantu bose baratinya iryo zina. .. twama twumva havugwa Abungere n’Abavugabutumwa nkoh’umenga Intumwa zaheranye n’igihe ca bibiliya kandi ntizikibaho mur’iki gihe cacu

M : Mubisanzwe, ibango ry’Intumwa riracakora na bugingo n’ubu mu mashengero menshi mw’isi ariko kenshi bitwa « Abamisiyonari »

C : None iryo bango rikora gute ?

M : N’ugushira abatizera bari ahantu ubutumwa bwiza butari bwabashikire bagahinduka kuba abigishwa ba Yesu Kristo, bakigishwa no kuhashinga ishengero bakigisha abungere maze bakabandanya rwabo mu ntumbero yo kwigarurira ibindi bisagara

C : Nkukw’Intumwa Pawulo yabigenza?

M : Si Pawulo gusa ariko n’Abigishwa bose ba Yesu Kristo bari Intumwa kukw’imbere yuko Yesu aduga mw’ijuru yababwiye mu vyakozwe n’intumwa1:8 “Ariko muzohabwa ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe I Yerusalemu, n’I Yudaya hose, n’I Samariya, no gushitsa kumpera y’isi”

C : Intumwa rero ni umuntu agendagenda?

M : Twisunze insobanuro yo muri Bibiliya…. Inyishu ni ego

C : None ni kuki hariho Intumwa zitwa Abungere b’amashengero maze bakaguma mu kibanza kimwe gusa kandi baramutse bagenda, usanga baja kuvuga ubutumwa ahantu runaka bakagaruka baja muri ca kibanza cabo basanzwe babamwo ?

M : Nkuko Bibiliya ibivuga, abo si Intumwa ariko n’Abungere kandi naho tubita Intumwa n’izina ry’icubahiro gusa. Si ukuvuga yukw’igihe ufise izina ry’Intumwa uca ucika Intumwa, kuko nkuko Pawulo avuga mu 2 Ab’i Korinto10 :18, uwishimagiza si we yemerwa, ariko hemerwa uwo Umwami wacu ashimagiza

C : Ndizera konatahuye neza ibango ry’intumwa mbega none ntiwombwira ivy’Abigisha ? Umwigisha n’iki kandi afise igikorwa ki mw’ishengero ?

M : Igikorwa c’Umwigisha ni ukwigisha ihanga ry’Imana n’ukubafungurira ijambo ry’Imana mu kubazanira uguhishurirwa kwose gushoboka kukw’ijambo ry’Imana riri mu mpwemu kandi uwigisha wese ategerezwa kuryigisha mu mpwemu

C : Rero iyo abakiristu bigishijwe, barashobora na bo nyene gukora ico gikorwa co kwigisha ?

M : Uragaba Corinne ! Ntukitaranye akaririro ko gukorera Imana n’umuhamagaro kuko benshi barwa mur’uyo mutego. Intumwa Pawulo iravuga muri 1Ab’I korinto12 :29 ko bose badashobora kuba intumwa, abigishwa n’abavugishwa n’Imana. Umukirisu ategerezwa gusenga kugira ngo aronke ubuyobozi bwa Mpwemu w’Imana ariko ndakugabishije ko har’akaga ko kwigira Umwigisha iyo utarungitse n’Imana koko. Ibango ryo kwigisha riratandukanye n’ukuvuga ubutumwa bwa Yesu mu gushinga intahe kuko nkuko nakubwiye, iryo n’itegeko rya buri mukirisu wese

C : Ni kuki uvuga ko hari akaga ko kwigira umwigisha ? Uwo mwihariko ushingiye kuki ?

M :Kuko Bibiliya ibitubuza mu kutugabisha ko hadakwiriye kuba abantu benshi biyita Abigisha, kuko Abigisha bazocirwa urubanza ruruta iz’abandi…ushobora kubisoma muri Yakobo3 :1

C : Kubera iki bakarira cane Abigisha ?

M : Kuk’umwigisha afise ubushobozi bwo gusambura canke kwubaka ishengero kand’ijambo ry’Imana ritubwira ngo ntihakagire abantu benshi biyita Abigisha ijambo ry’Imana, ni kugirango ntihakagire umuvurungano mw’ishengero ry’Imana. Ihanga ry’Imana ritegerezwa kwubakwa n’inyigisho zimwe, umutima umwe, umushaha umwe, ivyiyumviro bimwe n’urukundo rumwe! Kandi rero utudumbidumbi n’inyigisho z’amadayimoni zizanana n’inyigisho z’ibinyoma kubera yuk’umurwanizi acishiriza cane mu nyigisho

C : Ego cane ariko ni kuki none ushimikira cane ku nyigisho ?

M : Kubera yukw’inyigisho zihishura ivyahishijwe kandi igihe abakirisu bizeye ivyo ubigisha uca uba igikoresho gishobora gukoreshwa n’umurwanizi kuko ababona muri wewe ubushobozi busambura. Igihe uwigisha atari umuny’amasengesho, kenshi na kenshi arangiriza mu guhusha inzira nyayo, umurwanizi amaze kumwigarurira benshi mu basanzwe bari inyuma yiwe baca bata inzira

C : Ndagushimiye k’umuco umpaye kandi niyumvira k’ubutaha tuzovugana kw’ibango ryo kuvugishwa n’Imana