Inyigisho Guigoz 13-24 - Guigoz 16

Index de l'article

 

      GUIGOZ 16


C : Bwakeye Mike, sinkishoboye kurindira kuva ca gihe wansezeranye kunyereka izindi mvo zituma tudendebukirwa kenshi mu masengesho yacu ndibaza ko ndazimenye noronka uburyo bwo kuzirinda koko. Ndabigusavye kukw’abantu bose tuvuganye ntakindi bambwira atari satani gusa, kandi mbona nk’aho duha satani inkomezi nyinshi bigaca bituma tumutinya tugatakaza ukwizigira Imana

M : Ndanezerejwe n’ivy’uhejeje kumbwira kuk’umbajije ikibazo utangiye inyishu wewe nyene

C : Iyihe???

M : Gutakaza ukwizigira Imana.

C : Ugomba kuvuga yukw’igihe twizigiye Imana, satani aca atakaza inkomezi ziwe ako kanya nyene? Banza umbwire ko satani afise izo nkomezi koko, none ni kuki Imana yazimuhaye?

M : Singomba kuvuga ido n’ido yavyo kuko dushobora guhusha intumbero yacu ariko muri make, ububasha bwari bwarahawe Adamu kandi satani yar’abizi neza cane nico gituma adamu amaze gucumura satani yaciye yigarurira inkomezi ziwe...

C : Ugomba kuvuga ko yivye ububasha bwari bwaragenewe Adamu? Ububasha bwo kuganza ibiri mw’isi vyose?

M : Ego cane

C : Tugaruke kukwizigira Imana, n’ikihe ciza kiri mu gushira ivyizigiro vyacu ku Mana....mbega har’ico bisa bisana n’ubuzima bwo gusenga?

M : Imbere yuko nishura ikibazo cawe, ngomba kowugurura Bibiliya yawe usome muri Yeremiya17:7-8

C : “Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe. Kukw’azoba nk’igiti gitewe I ruhande y’amazi, gishorera imizi yaco iruhande y’uruzi, kitumva izuba iyo ryatse, ariko kikamana itoto ntikizorinda kwiganyira mu mwaka w’uruzuba, kandi ntikizoharuruka kwama.”

M : Inyishu tuyisanga mur’uwo murongo: Amazi asobanura ijambo ry’Imana, imizi isobanura amasengesho.

C : Aaaahh!!! Kuba nk’igiti gitewe iruhande y’amazi bisobanura kuguma mu majambo y’Imana, imizi ikaba isobanura amasengesho, bica bisobanura kw’amasengesho ategerezwa gushorera mu ruzi arirwo jambo ry’Imana..... sindabitahura neza cane?

M : Ego bandanya war’uhageze... amasengesho agereranywa n’imizi iyo nayo itegerezwa gushorera mu ruzi arirwo jambo ry’Imana, bisobanura kw’amasengesho ategerezwa kwisunga ijambo ry’Imana, mu yandi majambo, amasengesho ategerezwa kugirwa mu mpwemu ntagirwe mu mubiri, ni vyo bisigura yukw’ategerezwa kwisunga ubugombe bw’Imana kandi ndibaza ko tumaze kuvugana kur’ivyo si vyo none?

C : Ego cane! Ndacibuka neza cane itandukaniro riri hagati y’isengesho ryo mu mubiri n’isengesho ryo mu mpwemu ariko ndacafise amatsiko kur’uwo murongo wo muri Yeremiya 17:8-9 kuko havugwa kw’ico giti kitumva izuba iyo ryatse, ariko kikamana itoto, ntikizorinda kwiganyira mu mwaka w’uruzuba, kandi ntikizoharuruka kwama. Biratangaje vyukuri! Igihe c’uruzuba n’ukwamana itoto bisobanura iki?

M : Biroroshe cane, igihe c’uruzuba gisobanura ubwoko bwose bw’ibigeragezo umuntu ashobora guca mwo, n’ay’icamwa gisobanura igikorwa cose umuntu akora kubw’icubahiro c’Umwami n’amasengesho arimwo kandi umukristo yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe, ntiyumva izuba iyo ryatse kandi ntazokwiganyira mu mwaka w’uruzuba. Igiti camana itoto bisobanura umukristo yashize ivyizigiro vyiwe mu Mana mu kuguma mu masengesho, nibwo buryo igiti kironkeramwo ubugingo.

C : None vyogenda gute igihe uruzuba rushitse ku mizi?

M : Ica inigirwa ntisubire guhema na rya toto rigahinduka umuhondo kandi mu minsi mike ca giti kiruhira kwuma no kuzimangana

C : Ninaba nakwumvise neza, igiti gitewe I ruhande y’amazi, imizi yac’iba irinzwe neza kandi ntinamenya ihindagurika ry’ibihe, yibandanyiriza gukora ukuri kwamye? Bifitaniye isano nivyo twariko turavugana mu gihe giheze vyerekeye ingene umutima utegerezwa kurindwa kuruta ibindi vyose?

M : Ubu rero ndabona ko wabitahuye vyose. Ikirengeye vyose nuko woshira ivyizigiro vyawe k’Uhoraho kandi ibihe duca mwo ntibikwiriye gutosekaza ubugingo bwo gusenga kuko tuvoma ubwoko bwose bw’imigisha iva ku Mana mu buryo bwo gusenga

C : Urakoze  Mike kandi Imana iguhezagire. Mbega ejo ndashobora kuzokubona? Ndafise ikindi kibazo

M :Ntangorane isango muri Guigoz ya 17