Inyigisho Guigoz 13-24 - Guigoz 15

Index de l'article

      GUIGOZ 15


C : Bwakeye Mike,

M : Bwakeye Corinne,

C : Nkuko nabikubwiye igihe gihise, birashika nkadendebukirwa mu mpwemu kugera n’aho ntashobora gusenga ariko rero natahuye yukw’ivyo bitumwa n’ibihe bibi mba ndimwo, ngomba kuvuga ibigeragezo usanga ntashobora kwihanganira

M : Imbere ya vyose nagomba ndakubwire yukw’ijambo ry’Imana rivuga muri 1Ab’I korinto10:13 yukw’ata catugerageje kitar’ic’umuntu yoshobora kwihanganira. Arikw’Imana ni yo kwizigira ntizodukundira ko tugeragezwa n’ibiruta ivyo dushobora...

C : Ariko n’ivyo bikunda gushika kenshi! Mbega har’insobanuro kur’ivyo?

M : Insobanuro nshobora kuguha yerekeye inyifato y’imitima yacu. Ibuka yukw’igihe dusenga, umutima wacu ufatana n’Impwemu y’Imana kandi iy’umutima wacu umerewe nabi uko gufatana guca kugora mbere kenshi ntikube kugishoboka

C : Ni kuki ushimikira ku nyifato y’umutima wacu? Mbega har’uburyo bwo kuwurinda kugirango tuzigame uko gufatana n’Imana? Nyereka igice ca Bibiliya cerekana ingene umutima wacu ari kirumara mu bugingo bwacu bwa Mpwemu?

M : Ugurura Bibiliya yawe maze usome mu Migani 4:23, handitswe ngo: “Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, kukw’arih’ubugingo bududubiriza.”

C : Ubugingo bududubiriza? Mbega bisigura k’umutima ushoboye gutanga ubugingo?

M : Ntutanga ubugingo gusa, ariko urafise n’ububasha bwo kugwiza imbuto yose wemereye kwinjira muri wo. Ni co gituma ijambo ry’Imana ritubwira kuwurinda kurusha ibindi vyose

C : Mike, sintahura ico ugomba kuvuga ku ‘bubasha bwo kugwiza imbuto yose igiye muri wo?’

M : Aho ngomba kuvuga ibigumbagumba wemereye ngo bikuganze. Bisigura ko wemeye kujanwa n’ishavu, urwanko, kurengerwa, guhagarika umutima... ivyo bintu vyose binyengetera mu mutima nk’imbuto kandi nkuko imbuto yose ikura mu busizi, ikagwira, ni ko bimera no mu mitima yacu. Igihe cose urubuto rw’ishavu, urwanko canke guhagarika umutima runyengetereye mu mutima wacu, nta kindi umutima wacu ugira atari kugwiza urwo rubuto rumwe rumwe nkuk’ubwoko bwazo buri. Wibuke ko muri ho ari ho hadudubiriza ubugingo
C : Rero muri make, dukwiye gusenga kugirango turonke inkomezi zo kuganza ibihe bitandukanye?

M : Oya Corinne! Ntibikabe. Igikorwa co kuganza ibihe cabikiwe Imana, kandi Imana yo  nyene gusa nkuko biri muri Daniyeli2:21, ariko Bibiliya idutegeka kuganza umubiri wacu canke kameremere kacu, ni kimwe mu vyamwa vya Mpwemu Yera, ukwirinda canke kugira urugero. Uzosoma ivyo vyamwa m’ Ab’I galatiya5:22

C :Igihe nshoboye kwizigama rero bisobanura ko har’inkomezi zidasanzwe muri jewe?

M : Ijambo ry’Imana rivuga yuk’uganza umutima wiwe aruta uwunesheje igisagara, kandi akaruta umunyenkomezi. Urashobora gusoma ico gice mu Migani16:32

C :Mbwira Mike, kand’umbwize ukuri, mbega birashika ah’unanirwa kwirinda kuger’ah’uhagarika umutima?
 
M : Ivyo bishikira zina kiremwa muntu yambaye umubiri ariko ikinezereza n’uko dufise ikirwanisho kidasanzwe, inkota ari yo jambo ry’Imana. Ndakurungitse mu b’I Filipi 4:6 aho ijambo ry’Imana ritubwira ngo: ‘Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwihangana bifatanije no gukenguruka’ hamwe na : ‘ Nshobozwa vyose n’uwumpa inkomezi’ nkuko biri mu b’I Filipi 4:13

C : Ndagushimiye cane kur’iyo nyigisho ariko nagomba gutahura izindi mvo zituma tudendebukirwa mu masengesho yacu

M : Egome ariko tuzobivugana muri Guigoz ya 16